Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 16:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Yesu amenya ko bagomba kumubaza, arababaza, ati Mbega mubazanya ic’ ari co, ko mbabariye nti Hasigaye igihe gito ntimube mukimbona, nti Maze hazoca ikindi gihe gito musubire kumbona?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Nuko Yesu abonye ko bafise ico bashaka kumubaza, arababwira ati: “Muriko mubazanya ico nashatse kuvuga aho navuga nti: ‘Hasigaye igihe gito ntimusubire kumbona, ariko inyuma y’igihe gito muzosubira mumbone’?

Gade chapit la Kopi




Yohana 16:19
18 Referans Kwoze  

Ubuho tumenye k’uzi vyose, kandi ko kubgawe utarinda ko hogira ūkubaza; ni co gituma twizera ko waturutse ku Mana.


Hasigaye igihe gito ntimube mukimbona, maze hazoca ikindi gihe gito musubire kumbona.


Hasigaye igihe gito, ab’ isi ntibabe bakimbona, ariko mweho muzombona; kuko ndiho, namwe muzobaho.


Bana bato, ndacari kumwe namwe akanya gato. Muzondondera, ariko, nk’uko nabgiye Abayuda, nt’ Aho nja ntimushobora gushikayo, ni ko none ndababgira namwe.


Maze Yesu aravuga, ati Hasigaye igihe gito nkiri kumwe namwe, nkaja ku wantumye.


Kandi n’abana biwe nzobicisha urupfu, kand’ amashengero yose azomenya yukw ari jewe nsesa mu mishaha no mu mitima, kandi nzokwishura umuntu wese wo muri mwebge ibihwanye n’ivyo mwakoze.


Kand’ imbere yayo nta caremwe gihishijwe, ariko vyose vyambaye ubusa, biragaragara, imbere y’inyonga z’Iyizotubaza ivyo twakoze.


Amubaza ubugira gatatu, ati Simoni, mwene Yohana, mbeg’ urannogera? Petero arababara, kuko yamubajije ubugira gatatu ngo Mbeg’ urannogera? Aramwishura, ati Mugenzi, weho urazi vyose, urazi ko nkunogera. Yesu aramubgira, at’ Ahura intama zanje.


Yesu amenye ivyo biyumvira arababaza, ati N’iki kibateye kwiyumvira nabi mu mitima yanyu?


Ntimuze muse na bo; kuko So azi ivyo mukennye mutaramusaba.


Ariko bayoberwa iryo jambo, batinya kurimubaza.


Yesu amenye mu mutima kw abigishwa biwe bidodomba ivyo, arababaza, ati Mbeg’ ivyo birabatsitaje?


Kandi bat’ Ivyo atubgiye n’ibiki, ngw Igihe gito? Ntitumenye ico avuze ic’ ari co.


Kur’ uwo musi nta na kimwe muzombaza. N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ni hagira ico musaba Data cose azokibaha mw izina ryanje.


Kur’ uwo musi muzosaba mw izina ryanje, kandi simbabgira ngo nzobasabira Data.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite