Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 16:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Hasigaye igihe gito ntimube mukimbona, maze hazoca ikindi gihe gito musubire kumbona.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Yesu arabandanya ati: “Hasigaye igihe gito ntimusubire kumbona, ariko inyuma y’igihe gito muzosubira mumbone.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 16:16
19 Referans Kwoze  

Maze Yesu aravuga, ati Hasigaye igihe gito nkiri kumwe namwe, nkaja ku wantumye.


Kand’ amaze kubabazwa, abiyereka ari muzima atanga ibimenyetso vyinshi, ababonekera imisi mirongwine, avuga ivy’ ubgami bg’Imana.


Navuye kwa Data, nza mw isi; ikindi, isi ndiko ndayivamwo, nje kwa Data.


Ni ko namwe muri mu mubabaro, ariko nzosubira kubabona, kand’ imitima yanyu izonezerwa, umunezero wanyu nta n’umwe azowubanyaga.


dutumbereye Yesu wenyene, ni we nyanduruko yo kwizera kandi ni we yagusozereye; uwo, kubg’ umunezero yashizwe imbere, yihanganiye umusaraba, ntiyagira ikindi isoni zawo, avyagira i buryo bg’intebe y’Imana.


Yesu yar’ azi ko Se yamuhaye vyose yabishize mu maboko yiwe, kandi ko yavuye ku Mana, kandi kw agira asubire ku Mana,


None ngira ngende ku wantumye, kandi nta n’umwe muri mwebge arushe ambaza at’ Uja hehe?


Bana bato, ndacari kumwe namwe akanya gato. Muzondondera, ariko, nk’uko nabgiye Abayuda, nt’ Aho nja ntimushobora gushikayo, ni ko none ndababgira namwe.


Yesu arababgira, ati Hasigaye igihe gito umuco ukiri muri mwebge: ni mugende mugifise umuco, umwiza woye kubīriranirako. Ūgenda mu mwiza ntamenya iy’ aja.


Kand’ Umwami Yesu ahejeje kubibabarira, adūzwa mw ijuru, avyagira i buryo bg’Imana.


Ariko none ndaje kuri wewe, kand’ ibi mbivuga ndi mw isi, kugira ngo bagire umunezero wanje wuzure muri bo.


Na none Data, unshimagizanye nawe, unshimagirishije bga bgiza nahoranye ndi kumwe nawe, isi itararemwa.


ivy’ ukugororoka, kuko nja kwa Data, kandi namwe muzoba mutakimbona,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite