Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 16:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Ivyo Data afise vyose n’ivyanje, ni co gitumye mvuga, nti Yābīra ku vyanje, akabibamenyesha.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Ivya Data vyose ni ivyanje. Ni co gituma mvuze ko Mpwemu azokwakira ivyanje akabibamenyesha.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 16:15
12 Referans Kwoze  

kand’ ivyanje vyose n’ivyawe, n’ivyawe na vyo n’ivyanje, kandi nashimagijwe muri bo.


Se arakunda Umwana, kandi yamuhaye vyose, abishira mu kuboko kwiwe.


Vyose nabihawe na Data, kandi nta wuzi Umwana, atari Data, na Data, nta wumuzi, atar’ Umwana, n’uwo Umwana agomba kumuhishurira.


Kukw Imana yahimbawe n’uk’ ukunengesera kwayo kwose kuba muri we:


Vyose nabihawe na Data; kandi nta wuzi Umwana uw’ ari we, atari Data: na Data nta wumuzi uw’ ari we atar’ Umwana, n’uwo Umwana agomba kumuhishurira.


Yesu arabēgēra, arababgira, ati Jewe nahawe ububasha bgose mw ijuru no mw isi.


Yesu yar’ azi ko Se yamuhaye vyose yabishize mu maboko yiwe, kandi ko yavuye ku Mana, kandi kw agira asubire ku Mana,


Kuko muri we ari ho haba ukunengesera kwose kw’Ubumana mu buryo bg’umubiri.


nk’uko wamuhaye ububasha ku bafise umubiri bose, ngw abo wamuhaye bose abahe ubugingo budashira.


muri we ni ho itunga ryose ry’ubgenge n’ukumenya ryahishijwe.


Ūri n’ivyagezwe vyanje akavyitondera, uwo ni we ankunda, kand’ ūnkunda azokundwa na Data, nanje nzomukunda, kandi nzomwihishurira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite