Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 16:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Arik’ uwo Mpwemu w’ukuri ni yaza, azobarōngōra abashitse ku kuri kwose, kukw atazovuga ivyo yigeneye, arikw ivy’ azokwumva vyose ni vyo azovuga, kand’ azobamenyesha ibigira bize.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Ariko Mpwemu w’ukuri niyaza, azobarongorera mu kuri kwose. Ntazovuga ivyo yigeneye; ahubwo azovuga ivyo yumvise gusa, kandi azobabwira ibigiye kuba.

Gade chapit la Kopi




Yohana 16:13
32 Referans Kwoze  

arik’ Umwitsa, ari we Mpwemu Yera, uwo Data azorungika mw izina ryanje, ni we azobigisha vyose, kand’ azobibutsa ivyo nababariye vyose.


ni we Mpwemu w’ukuri, uwo ab’ isi badashobora kwākīra, kuko batamubona, kandi batamuzi; mweho muramuzi, kukw abana namwe kand’ azoba muri mwebge.


Arik’ Umwitsa ah’ azozira, uwo nzobarungikira ava kuri Data, ni we Mpwemu w’ukuri akomoka kuri Data, uwo ni we azonshingira intahe,


Mweho ukurobanuzwa amavuta mwarobanujwe na we kuguma muri mwebge, namwe ntimurinda kugira uwo kubigisha, ariko nk’uk’ ukwo kubarobanura kwiwe kubigisha vyose, kand’ ar’ukw’ ukuri, atar’ ibinyoma, kandi nk’uko kwabigishije, ni ko muguma muri we.


Namwe mwarobanujwe amavuta n’Uwera, kandi muzi vyose.


Kukw ivyo ntabivuze mvyigeneye, ariko Data yantumye, ni we yangeze ivyo nkwiye kuvuga n’ivyo nkwiye gusigura.


Tweho tur’ abava ku Mana; ūzi Imana aratwumvira; ūtava ku Mana ntatwumvira. Ico ni co kitumenyesha impwemu y’ukuri n’impwemu izimiza.


Yesu aramubgira, ati Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo: nta wushika kuri Data ntamujanye.


Nuko wandike ivy’ ubonye n’ibiriho n’ibizoba hanyuma y’ivyo,


Jewe mvuga ivyo nabonye kuri Data; namwe mukora ivyo mwumvise kuri so.


Ntihakagire umuntu abahenda mu buryo na bumwe, kuk’ utazoza, kwa kureka Imana kutabanje kuboneka, kandi wa muntu w’umugarariji atarahishurwa, ni we mwana wo kuranduka,


Uguhishura kwa Yesu Kristo, ukwo yahawe n’Imana ngo yereke abagurano biwe ibigira bibeho vuba, agatuma umumarayika wiwe akabimenyesha umugurano wiwe Yohana,


kugira ngw abatizeye ukuri bose, bagahimbarirwa ukugabitanya, bacirwekw iteka.


arambgira, ati Nta co utinya, Paulo; ukwiye guhagarara imbere ya Kayisari, kand’ ehe Imana ikwemereye n’abo mugendanye bose.


Hanyuma y’ivyo nzosuka Mpwemu wanje ku bari n’umubiri bose; abahungu banyu n’abakobga banyu bazovugishwa nanje, n’abatāma banyu bazorota inzozi, n’imisore yanyu izobona ivyo yeretswe.


atar’ uko Mpwemu Yera anshingira intahe mu gisagara cose yukw ingoyi n’ivyago bintegeyeyo.


Ico yabonye, kandi yumvise, ni co ashingira intahe, arik’ ugushinga intahe kwiwe nta wukwemera.


Hava hasi umwe muri bo yitwa Agabo, abamenyesha avugishijwe na Mpwemu yukw ikigoyi cinshi kizotera mw isi yose. Ico yavuga ni kimwe cātera ku ngoma ya Kilawudiyo.


Mpwemu w’Uhoraho azoba kuri we, impwemu y’ubgenge n’iy’ ugutahura, impwemu yo kuja inama n’iy’ ubushobozi, impwemu y’ukumenya Uhoraho n’iy’ ukumwubaha.


Nari ngifise vyinshi vyo kubabgira, ariko ntimushobora kuvyihanganira ubu.


Kera Imana yabaririye ba sogokuruza mu kanwa k’abavugishwa na yo mu bihe vyinshi no mu buryo bginshi,


Ni we Yesu Kristo yaje agaca mu mazi no mu maraso: si mu mazi yonyene, ariko ni mu mazi no mu maraso.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite