Ni co gituma mudakwiye guca urubanza rw’ikintu na kimwe igihe carwo kitarashika, ni co kuza kw’Umwami wacu, azomurika ivyari vyanyegejwe mu mwiza, kand’ azogaragaza inama zo mu mitima: ni ho umuntu wese azohabga n’Imana ishimwe rimukwiye.
kubahumūra amaso kugira ngo bahindukire bave mu mwiza baje mu muco, bave no mu bubasha bga Satani baje ku Mana, bateko baharirwe ivyaha vyabo, baraganwe n’abejejwe n’ukunyizera.