Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 16:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ico mbabaririye ivyo, n’ukugira ngo ntimuze mutsitazwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Ibi ndabibabwiye kugira ngo ntimuzotakaze ukwizera nivyashika.

Gade chapit la Kopi




Yohana 16:1
11 Referans Kwoze  

N’ibuye ritsitaza n’urutare rugwisha; kuko batsitara kw ijambo ry’Imana, bataryumvira: kandi ni co bāshiriweho.


ariko ntagira imizi muri we, ahagarara umwanya muto; iyo yadutsweko n’amarushwa bo n’akadenderezo azira iryo jambo, bica bimutsitaza.


Ico mbabaririye ivyo, n’ukugira ngw igihe cavyo ni cashika, muze muvyibuke ko nanje nabibabgiye. Uhereye ubga mbere sinaribgabibabgire, kuko nari nkiri kumwe namwe.


Ni ho benshi bizobatsitaza, bazoryarukana, bazokwankana.


Ni ciza kutarya inyama, canke kutanywa vino, canke kudakora ikindi cose gitsitaza mwene So, canke kimugwisha, canke kimutera intege nke.


Ivyiwe birabatsitaza. Yesu arababgira, at’ Umuntu avugishwa n’Imana ntabura icubahiro, atari mu ntāra y’i wabo no mu nzu y’i wabo.


Kandi hahirwa uwo ivyanje bitazotsitaza.


Ivyo mbibabgiye, kugira ng’umunezero wanje ube muri mwebge, kandi n’umunezero wanyu wuzuzwe.


murobanure ibidahwana, muhore mutagira ubupfunya cank’ ibigwisha gushitsa ku musi wa Kristo,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite