Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 15:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Ni mwaguma muri jewe, amajambo yanje akaguma muri mwebge, musabe ico mugomba cose, kizobabera kuno.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Nimwaguma muri jewe, amajambo yanje akaguma muri mwebwe, muze musabe ico mushaka cose, kandi muzogihabwa.

Gade chapit la Kopi




Yohana 15:7
24 Referans Kwoze  

Uhimbarwe n’Uhoraho, Na we azoguha ivyo umutima wawe ugomba.


Kand’ ubu ni bgo bushizi bg’ubgoba dufise kuri yo, n’ukw iyo dusavye ikintu cose gihwanye n’ivy’ igomba, itwumva.


Kand’ ico muzosaba cose mw izina ryanje nzogikora, kugira ngo Se ashimagizwe mu Mwana.


kand’ ico dusaba cose tugihabga na yo, kuko twitondera ivyagezwe vyayo, tugakora ibishimwa imbere yayo.


Si mwebge mwantoranije, ariko ni jewe nabatoranije, nabashizeho kugira ngo mugende murāma imbuto, kandi ngw imbuto zanyu zigumeho, kugira ngw ico muzosaba Data cose mw izina ryanje, akibahe.


Musabe, muzohabga; murondere, muzoronka; muramutse, muzokwugururirwa.


Kur’ uwo musi nta na kimwe muzombaza. N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ni hagira ico musaba Data cose azokibaha mw izina ryanje.


Ndavuga nti Mugendeshwe na Mpwemu, ni ho mutazoshitsa ivy’ akameremere kanyu kifuza.


Mweho ukurobanuzwa amavuta mwarobanujwe na we kuguma muri mwebge, namwe ntimurinda kugira uwo kubigisha, ariko nk’uk’ ukwo kubarobanura kwiwe kubigisha vyose, kand’ ar’ukw’ ukuri, atar’ ibinyoma, kandi nk’uko kwabigishije, ni ko muguma muri we.


Amajambo yawe yarabonetse, ndayarya; kand’ amajambo yawe yambereye akanyamuneza n’ibihimbaro vy’umutima wanje: kuko nitiriwe izina ryawe, Uhoraho Mana Nyen’ ingabo.


Ico umunyakibi atinya kizomushikako, Arikw ico umugororotsi yifuza azokironka.


Nabītse ijambo ryawe mu mutima wanje Ngo noye kugucumurako.


Maze rer’ umuco wawe uzoca utambika nk’umutwenzi, amagara yawe asubire atotahare vuba; ukugororoka kwawe kuzokuja imbere, kand’ ubgiza bganje buzoba bukwimirije.


Ayo mabgirizwa mbageze uyu musi, az’ ahore ku mitima yanyu:


Narabandikiye ba se, kuko muzi uwahereye ubga mbere na mbere. Narabandikiye misore, kuko mufise inkomezi, kand’ ijambo ry’Imana rikaguma muri mwebge, kandi mwanesheje wa Mubi.


Ijambo rya Kristo ribe muri mwebge rigwiriye, ririmw’ ubgenge bgose: mwigishanye, muhanūrane, muririmba zaburi n’indirimbo n’amatazirano y’ivya Mpwemu, muririmbire Imana mu mitima yanyu mubiheshwa n’ubuntu bgayo.


Kandi data yaranyigishije, arambarira, At’ Umutima wawe ugumye amajambo yanje; Witondere amabgirizwa yanje, ubone kubaho:


Ni ho uzonezererwa Īshobora vyose, Ukunamurira amaso yawe ku Mana.


Ndazi ko mur’ uruvyaro rwa Aburahamu, yamara murondera ingene mwonyica, kukw ijambo ryanje ritagira ikibanza muri mwebge.


Nta ho nasubiye inyuma ngo mve mu vyagezwe yashinze; Nashize umutima ku majambo yo mu kanwa kayo kuruta uko ndawushira ku vyo kurya bintunga.


Arikw aganzwa n’abamuzigama n’ababgiriza kugeza mu kibariro cashinzwe na se.


Kandi Salomo akir’ i Gibeyoni, Uhoraho amwiyerekera mu nzozi mw ijoro. Nukw Imana iramubarira, iti Nsaba ico ugomba, ndakiguhe.


Nuko Yesu abgira Abayuda bāri bamwemeye, ati Ni mwaguma mw ijambo ryanje, mur’ abigishwa banje vy’ukuri;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite