Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 15:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Ariko vyabaye birtyo kugira ngw ijambo ryanditswe mu vyagezwe vyabo rishike, ngo Bānyankiye ubusa.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Ibi bishitsa ivyanditswe mu Vyagezwe vyabo bivuga ngo: ‘Banyanse ata co bampoye.’

Gade chapit la Kopi




Yohana 15:25
16 Referans Kwoze  

Bankikije amagambo y’urwanko, Bandwanije ata nyanduruko.


Abanyankira ubusa baruta umushatsi wo ku mutwe wanje mu bginshi: Abagomba kundandura, banyankishwa n’inyanduruko z’ibinyoma, barahambaye: Ni ho narihishijwe ico ntatwaye.


Abanyankishwa n’inyanduruko z’ibinyoma boye kunyitamba hejuru, Abanyankira ubusa boye kumvunanira akagohe.


Arababgira, at’ Aya n’amajambo yanje nababgira nkiri kumwe namwe, y’ingen’ ivyanditswe kuri jewe vyose mu vyagezwe vya Mose no mu majambo y’abāvugishwa n’Imana no muri Zaburi bikwiye gushika.


Canke mbega naracumuye kuko nicishije bugufi ngo mushirwe hejuru, mbabgiye ubutumwa bgiza bg’Imana ku busa?


Kand’ irambarira, iti Karabaye. Ndi Alufa na Omega, itanguriro n’iherezo. Ūfise inyota nzomuha kunywa kw isōko y’amazi y’ubugingo ku buntu.


Kandi Mpwemu bo na wa mugeni barahamagara, bati Ngwino. Kand’ uwumva n’ahamagare, ati Ngwino. Kand’ ūfise inyota n’aze, ūgomba ni yākīre amazi y’ubugingo ku buntu.


ntitwarya ivyo kurya vy’ umuntu n’umwe ku busa, ariko twagira ubutame n’ubucumukure, dukora ku murango no mw ijoro, kugira ngo ntitugire umuntu muri mwebge tugora.


Simpindura ubusa ubuntu bg’Imana, kukw asangw’ ukugororoka kuzanwa n’ivyagezwe, Kristo azoba yapfiriye ubusa.


batsindanishirizwa n’ubuntu bgayo, ibibahereye ubusa, kubgo gucungurwa kubonerwa muri Kristo Yesu:


Ariko turazi yukw ivy’ ivyagezwe bivuga vyose bibibgira abaganzwa na vyo, kugira ngw akanwa kose kazibge, kand’ abari mw isi bose babe abo gutsindwa n’urubanza imbere y’Imana:


Yesu arabishura, ati Mbega ntihanditswe mu vyagezwe vyanyu, ngo Navuze nti Mur’ imana?


Namb’ uwo twabana amahoro namwihōye inabi, Namba naranyaze umwansi wanje ndamuhōye ubusa,


Kukw ivyo vyabayeho kugira ngw icanditswe gishike, ngo Nta n’igufa ryiwe rizovunwa.


Mukize abarwaye, muzure abapfuye, mukize abanyamibembe, musende abadayimoni. Mubiherewe ubusa, mubitangire ubundi.


Simvuze mwese, kuko nzi abo natoranije, ariko n’ukugira ngw ivyanditswe bishike, ng’ Ūrya ivyo kurya vyanje ni we ambanguriye umugere.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite