23 Ūnyanka aba yanka na Data.
23 Uwunyanka aba yanka na Data.
Umuntu wese arārāta, ntagume mu vyo Kristo yigishije, ntafise Imana: ūguma mu vyo yigishije ni we afise Data wa twese n’Umwana.
Umuntu wese ahakana Umwana, na Data wa twese ntamufise: uwemera Umwana, afise na Data wa twese.
Iyo ntaba naraje ngo ngire ico mbabarira, nta caha baba bafise, ariko none ntibari n’ico bireguza icaha cabo.
Iyo ntaba narakoreye ibikorwa muri bo bitigeze gukorwa n’uwundi, nta caha baba bafise, ariko noneho twe na Data baratubonye, baraheza baratwanka.