Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 15:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Iyo ntaba naraje ngo ngire ico mbabarira, nta caha baba bafise, ariko none ntibari n’ico bireguza icaha cabo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Iyo ntaza nkavugana na bo, ntibokwagirijwe icaha. Ariko noneho nta co bafise bireguza ku caha cabo.

Gade chapit la Kopi




Yohana 15:22
17 Referans Kwoze  

Yesu arababgira, at’ Iyo muba mwar’ impumyi, nta caha muba mufise, ariko noneho muvuga muti Turabona: icaha canyu camaho.


Nuk’ ūzi gukora neza ntabikore, bimubera icaha.


Nukw iyo misi y’ubutamenya, Imana yarayīrengagije, ariko noneho, igera kw abantu bose bari hose bihana,


Kukw ibitaboneka vyayo, ni vyo bushobozi bgayo budashira n’ubumana bgayo, bibonwa neza, uhereye ku kuremwa kw’isi, bimenyekanishwa n’ivyo yaremye, kugira ngo ntibagire ico bireguza,


Arik’ ūngaya, ntiyemere amajambo yanje, ari n’ikizomutsindisha: ijambo navuze ni ryo rizomutsindisha ku musi w’umuhero.


ngo mube nk’abidegemvya, arikw atar’ ukugira umwidegemvyo wanyu igitwikirizo c’inzigo, ariko mube nk’abagurano b’Imana.


Ni co gituma utagira ico wireguza, wewe muntu wese uhinyura uwundi. K’uhinyura uwundi, uba witsindishije; kuko wewe umuhinyura ukora bimwe n’ivy’ akora.


shebuja w’uwo mushumba azoza ku musi atamwiteze, no mu gihe atazi, azomucamwo kubiri, amusangize umugabane wiwe n’abatizera.


Na bo bazokwumva canke batazokwumva, (kukw ar’ inzu y’ abagarariji), ariko rero bazomenya yuk’ ūvugishwa n’Imana yabaye muri bo.


Yesu aramwishura, ati Nta bubasha war’ ufise kuri jewe, shit’ ubuhawe buvuye hejuru, ni co gituma uwakunshikirije afise icaha kirengeje.


Ūnyanka aba yanka na Data.


Iyo ntaba narakoreye ibikorwa muri bo bitigeze gukorwa n’uwundi, nta caha baba bafise, ariko noneho twe na Data baratubonye, baraheza baratwanka.


ivy’ icaha, kuko batānyizeye,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite