Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 15:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Iyo muba ab’ isi, isi iba ikunze icayo, maze kuko mutar’ ab’ isi, ariko nabatoranije mu b’isi, ni co gituma isi ibanka.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Iyo muba ab’isi, yobakunze nk’abayo. Ariko ntimukiri ab’isi. Narabatoranije ndabakura muri yo, ni co gituma ibanka.

Gade chapit la Kopi




Yohana 15:19
19 Referans Kwoze  

Si mwebge mwantoranije, ariko ni jewe nabatoranije, nabashizeho kugira ngo mugende murāma imbuto, kandi ngw imbuto zanyu zigumeho, kugira ngw ico muzosaba Data cose mw izina ryanje, akibahe.


ntiduse na Kayini, yar’ uwa wa Mubi, akica murumuna we. Kand’ icatumye amwica n’iki? N’ukw ibikorwa vyiwe vyari bibi, ivya murumuna we bikaba vyiza.


Kandi ni mwakunda ababakunda, muzoshimwa iki? Kukw abanyavyaha na bo bagira bartyo.


Kukw igihe cashize gihāgije gukora ivy’ abanyamahanga bakunda gukora, no kugendera mu ngeso z’isoni nke, n’izo kwifuza, no kunohorwa na vino, no kudandahirwa, no kurundāna aho bateretse, n’ibizira vyo gusenga ibigirwamana.


Ico gisato kigirira wa mugore inzigo, kirīgīra ngo kirwanye abo mu ruvyaro rwiwe basigaye, bitondera ivyagezwe n’Imana kandi bafise ibishingira Yesu intahe.


Ca gisato c’amahēro kirakororwa, ni co ya nzoka ya mbere, yitwa Murwanizi, irindi ni Satani, ni co kizimiza abari kw isi bose, gikororerwa kw isi, abamarayika baco bakororanwa na co.


Muzoba mwanswe na bose babahōra izina ryanje; arik’ uwihangana agashitsa iherezo ni we azokira.


Ni ho bazobatanga ngo muzigirizwe, bazobica, kandi muzokwankwa n’amahanga yose, abahōra izina ryanje.


Yesu aramwishura, ati Mbega si jewe nabatoranije uko mur’ icumi na babiri? Arik’ umwe muri mwebge n’umurwanizi.


Simvuze mwese, kuko nzi abo natoranije, ariko n’ukugira ngw ivyanditswe bishike, ng’ Ūrya ivyo kurya vyanje ni we ambanguriye umugere.


Yemwe basambanyi, ntimuzi yuko gucudika n’isi ar’ ukwankana n’Imana? Nuk’ umuntu wese agomba kuba incuti y’isi aba yīgize umwansi w’Imana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite