Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 15:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Isi ni yabanka, mumenye ko jewe yabanje kunyanka, itarabanka.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Isi niyabanka, muze mwibuke ko yabanje kunyanka.

Gade chapit la Kopi




Yohana 15:18
22 Referans Kwoze  

Bene Data, ntimutangazwe n’ukw ab’ isi babanka.


Ab’ isi ntibabanka, ariko jewe baranyanka, kuko mbavugira ibikorwa vyabo kw ari bibi.


Kuk’ ūkora ibibi wese yanka umuco, kandi ntaza ku muco, kugira ngw ibikorwa vyiwe ntibihanwe.


Muzoba mwanswe na bose, babahōra izina ryanje: arik’ uwihangana, agashitsa iherezo, ni we azokira.


Muzoba muhiriwe abantu ni babanka bakabaca, bakabatuka, bakanegura izina ryanyu nk’ah’ ari ribi, babahōye Umwana w’umuntu.


Muzoba mwanswe na bose babahōra izina ryanje; arik’ uwihangana agashitsa iherezo ni we azokira.


Murābe urukundo uko rungana Data wa twese yatugiriye, ko twitwa abana b’Imana; kandi ni ko turi. Ni co gituma ab’ isi batatuzi, kuko batayimenye.


Namwe muzoba muhiriwe aho bazobatuka bakabahama bakabarementaniriza ibibi vyose babampōye.


Yemwe basambanyi, ntimuzi yuko gucudika n’isi ar’ ukwankana n’Imana? Nuk’ umuntu wese agomba kuba incuti y’isi aba yīgize umwansi w’Imana.


dutumbereye Yesu wenyene, ni we nyanduruko yo kwizera kandi ni we yagusozereye; uwo, kubg’ umunezero yashizwe imbere, yihanganiye umusaraba, ntiyagira ikindi isoni zawo, avyagira i buryo bg’intebe y’Imana.


Umwami w’Abisirayeli yishura Yehoshafati, ati Haracasigaye umuntu umwe twoshobora kubaza, akadusiguriza Uhoraho; yitwa Mikaya mwene Imula; ariko ndamwanka, kukw ata ho avugishwa ivyiza kuri jewe, atar’ ivyago. Yehoshafati aramubarira, ati Sigaho mugenzi, nta co uvuga urtyo!


Kand’ umuntu wese amuzigakw ivyo, ariyeza, nk’uk’ uwo ar’ uwera.


Yarakēngērwa, agahurwa n’abantu; yar’ umunyamibabaro, yar’ azi intimba ic’ ari co; yakēngērwa nk’umuntu abandi bahisha mu maso habo, natwe nta co twamwibajijeko.


Ni ho bazobatanga ngo muzigirizwe, bazobica, kandi muzokwankwa n’amahanga yose, abahōra izina ryanje.


Uku ni k’Uhoraho agize, Umucunguzi wa Isirayeli, Uwera wiwe, abgira umwe abantu bakēngēra, uwo ihanga ryanka urunuka, umushumba w’ abaganza, at’ Abami bazobirāba bahaguruke; bo n’abaganwa, bakome amashi; kubg’ Uhoraho umwizigirwa, ni we Wera wa Isirayeli yagutoranije.


Mu kwezi kumwe ngeseza ba bungere batatu; kuk’ umutima wanje war’ ubarambiwe, kandi n’iyabo yari yanzinutswe.


Ūdambikanya n’igisesema ku bagororotsi, Kand’ ūgenda atunganye n’ igisesema ku banyakibi.


Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe abahindishwa agashitsi n’ijambo ryiwe: ati Bene wanyu babanka, bakabaca babahoye izina ryanje, bāravuze ng’ Uhoraho n’agaragaze icubahiro ciwe, turābe umunezero wanyu! Ariko bo bazomāramāra.


Ico mbabaririye ivyo, n’ukugira ngo ntimuze mutsitazwe.


Ivyo mbibabgiye, kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Mw isi muri n’amarushwa, ariko ni muhūmure, jewe naranesheje isi.


baremesha imitima y’abigishwa, babahanūra ngo bagume mu kwizera: kandi yuko dukwiye guca mu marushwa menshi mu kwinjira mu bgami bg’Imana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite