Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 15:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Si mwebge mwantoranije, ariko ni jewe nabatoranije, nabashizeho kugira ngo mugende murāma imbuto, kandi ngw imbuto zanyu zigumeho, kugira ngw ico muzosaba Data cose mw izina ryanje, akibahe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Si mwebwe mwantoranije, ni jewe nabatoranije. Nabashizeho kugira ngo mugende mwame ivyamwa, kandi ivyamwa bihoraho, kugira ngo ico muzosaba Data cose mw’izina ryanje azokibahe.

Gade chapit la Kopi




Yohana 15:16
57 Referans Kwoze  

Iyo muba ab’ isi, isi iba ikunze icayo, maze kuko mutar’ ab’ isi, ariko nabatoranije mu b’isi, ni co gituma isi ibanka.


Kuko tur’ ibiremwa vyayo, twaremewe muri Kristo Yesu ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo Imana yateguye kera ngo tubigenderemwo.


Ijoro rikeye, ahamagara abigishwa biwe, atoranyamw’ icumi na babiri, abita intumwa;


Arikw aho bihimbariye Imana yandobanuye nkiri mu nda ya mama, ikampamagara kubg’ ubuntu bgayo,


Twebge tugira urukundo, kukw ari yo yabanje kudukunda.


Aravuga, at’ Imana ya ba sogokuruza yagutoranirije kumenya ivy’ igomba, no kubona wa Mugororotsi, no kwumva ijwi riva mu kanwa kiwe:


kand’ ivyo wanyumvanye mu maso y’ivyabona vyinshi, ubishikirize abantu bo kwizigirwa, bazoshobora kuvyigisha n’abandi.


Simvuze mwese, kuko nzi abo natoranije, ariko n’ukugira ngw ivyanditswe bishike, ng’ Ūrya ivyo kurya vyanje ni we ambanguriye umugere.


Yesu aramwishura, ati Mbega si jewe nabatoranije uko mur’ icumi na babiri? Arik’ umwe muri mwebge n’umurwanizi.


ariko mwubahe Kristo mu mitima yanyu kw ari we Mwami, muhore mwiteguye kwishura umuntu wese ababajije inyanduruko y’ivyizigiro biri muri mwebge, ariko muri n’ubugwaneza, mutinya,


Mana, ntumpebe, kugeza no mu butāma bganje mmeze imvi; Ntarabarira ab’ igihe kizoza amaboko yawe, Ntarabarira abazovuka bose inkomezi zawe.


Iki ni co kirimw’ urukundo, s’uko twebge twakunze Imana, ariko n’ukw ari yo yadukunze, igatuma Umwana wayo kuba impongano y’ivyaha vyacu.


Imbuto y’umugororotsi n’igiti c’ubugingo, Kand’ ūfise ubgenge ahindura imitima y’abantu.


Barasenga, bati Mwami, ni wewe uzi imitima y’abantu bose, none werekane uwo utoranije mur’ aba bompi


Mu misi izoza Yakobo azoshinga imizi, Isirayeli apfundike, ashurike: azokwama, yuzuze isi yose.


ni bābona ingeso zanyu zitunganye zifatanije n’ugutinya.


Kukw ivyanditswe kera vyose vyandikiwe kutwigisha, kugira ngo kwihangana no guhumurizwa guheshwa n’ivyanditswe biduhe kwizigira ibizoba.


Umwami aramwishura, ati Pfa kugenda, kuk’ uwo muntu ar’ ikintu nītoranirije, ngw ajane izina ryanje imbere y’abanyamahanga n’abami n’Abisirayeli:


Kand’ ivyo muzosaba vyose musenze, mwizeye, muzobihabga.


Ab’ urunganwe rumwe bazoshimira ab’ urundi ibikorwa vyawe, Babīgānire ivy’ inkomezi wakoze.


Ubgo butumwa nabushiriweho kuba umuvuzi wabgo n’intumwa n’umwigisha.


Arikw ivyo vyababayeko kugira ngo bitubere akarorero, kandi vyandikiwe kuduhanūra twebge, abashikwako n’amaherezo y’ibihe.


cank’ umubumvyi ntagera ibumba, mu mugoma umwe kubumbamw’ urwavya rumwe rwo gukoresha ivy’ icubahiro, n’urundi rwo gukoresha ibiteye isoni?


Kand’ imbuto zo kugororoka zibibga mu mahoro n’ababanguranya.


Ukwizera ni kwo kwatumye Abeli aha Imana ikimazi kiruta ica Kayini, ni kwo kwamuhesheje gushingirwa intahe kw ar’ umugororotsi, hamwe Imana yashingira intahe amashikanwa yiwe yukw ari meza, kandi ni kwo kwatumye na none akivuga, naho yapfuye.


Icatumye ngusiga i Kirete kwar’ ukugira ng’ utunganye ivyasigaye, kandi mu gisagara caho cose ng’ uhashinge abakuru b’ishengero, nk’uko nabikubariye:


bgābashitseko, nk’uko buri mw isi yose bgama imbuto bugwira: kandi no muri mwebge bugenza burtyo, uhereye wa musi mwumviye mukamenya ubuntu bg’Imana vy’ukuri:


Ni we yaduhesheje ubuntu no kuba intumwa kubg’ izina ryiwe, kugira ngo mu mahanga yose habemw’ abumvira Imana, babiheshwa no kwizera:


s’imbere y’abantu bose, arikw imbere y’ivyabona vyatoranijwe n’Imana ivyo bitarabaho, ni twebge, abāsangira na we, turya kandi tunywa, amaze kuzuka mu bapfuye.


ni co nashiriweho kuba umusiguzi n’intumwa (mvuze ukuri, simbeshe) n’umwigisha wo kwigisha abanyamahanga ukwizera n’ivy’ ukuri.


asangwa muhora mwizeye, mushinzwe neza mutanyiganyiga, mudatirimuka mu vyizigiro biheshwa n’ubutumwa mwumvise, bgavuzwe mu bāremwe bose bo musi y’ijuru, ubgo jewe Paulo nacikiye umukozi wabgo.


Kand’ amasigarira ya Yakobo azoba mu moko menshi ababere nk’ikime kivuye k’Uhoraho, nk’urume rutonze ku bgatsi, bitororēra umuntu, canke ngo bitenyenyere abantu.


kand’ ari we azohinduka ihanga rinini rikomeye, amahanga yose yo mw isi akazohērwa umugisha muri we?


Kandi bene Data, singomba ko mutamenya yuko kenshi nari mfise imigabo yo kuza i wanyu, ngo mbone imbuto muri mwebge namwe, nk’uko nazibonye mu yandi mahanga, ariko ngira ikimbuza kugeza n’ubu.


ariko muzohabga ubushobozi, Mpwemu Yera ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n’i Yudaya hose, n’i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi.


Musabe, muzohabga; murondere, muzoronka; muramutse, muzokwugururirwa.


Ni jewe muzabibu, namwe mur’ amashami: ūguma muri jewe, nanje nkaguma muri we, uwo ni we yama cane, kukw ata co mubasha gukora mutamfise.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite