Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 15:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Ngiki icagezwe canje: ni mukundane, nk’uko nabakunze.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Ibwirizwa ryanje ni iri: Nimukundane nk’uko nabakunze.

Gade chapit la Kopi




Yohana 15:12
16 Referans Kwoze  

Kandi dufise iki cagezwe kuri yo, ng’ Ūkunda Imana akunde na mwene Data wundi.


Ndabaha icagezwe gisha: ni mukundane; nk’uko nabakunze, abe ari ko namwe mukundana.


Ikiruta vyose, mukovye mu gukundana, kuk’ urukundo rupfuka ivyaha vyinshi.


Kand’ icagezwe cayo ngiki: n’uko twizera izina ry’Umwana wayo Yesu Kristo, tugakundana, nk’uko yatubariye.


ku vyo gukunda bene Data, mukundane rwose; ku vy’icubahiro, umuntu wese ashire imbere mugenzi we;


Kandi mugendere mu rukundo, nk’uko Kristo na we yabakunze, akatwigura, akatubera ishikanwa n’ikimazi bihabga Imana, umubabge umota neza.


Ibisigaye, mwese muhūze umutima, mubabarane, mukundane nk’abavukana, mugiriranire imbabazi, mwicishe bugufi mu mutima;


Nuko rero, ko mwejesheje imitima kwumvira ukuri, kugira ngo mukunde bene Data bitar’ uruheyiheyi, mukovye mu gukundana bivuye mu mitima.


Arikw ivyo gukunda bene Data ntimurinda kuvyandikirwa, kuk’ ubganyu mwigishijwe n’Imana gukundana;


Namwe Umwami wacu abagwirize, abasagirize urukundo mukundana, no gukunda abandi bose, nk’uko natwe tumeze kuri mwebge:


Biradukwiye kwama tubashimira Imana, bene Data, nk’uko bikwiye, kuk’ ukwizera kwanyu gukura cane, n’urukundo rw’ umuntu wese muri mwebge mukundana rugwira.


Narabakunze, ni k’Uhoraho agize. Yamara muravuga, muti Wadukunze mu biki? Mbega Esau ntiyari mukuru wa Yakobo? ni k’Uhoraho abaza; ariko rero nakunze Yakobo,


Ivyo ndabibageze kugira ngo mukundane.


Kandi none ndakwinginga mukamakare, si nk’ūkwandikira icagezwe gisha, ariko n’ico twamanye uhereye mbere na mbere, ngo dukundane.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite