1 Jewe nd’umuzabibu w’ukuri, kandi Data ni nyene wo.
1 Jewe ndi umuzabibu w’ukuri, Data na we ni we awitaho.
Yamara nari naguteye ur’ umuzabibu w’ubgoko, ur’ urugemwe rutōretse rwose: none se wabaye ute ko wampindukiye igiti c’umuzabibu w’ikijakija w’icaduka?
Kukw Imana ari yo dukorana, namwe mur’ indimiro y’Imana, mur’ inzu yubakwa n’Imana.
Abantu bawe bazoba abagororotsi bose, bazoba ben’ igihugu bgite gushitsa ibihe vyose; bazoba umuvyaro nitereye, igikorwa c’intoke zanje, kugira ngo bintere icubahiro.
Uwo musi ishami ry’Uhoraho rizoba ryiza rifise icubahiro; ivyo igihugu kizokwama bizoryohera abazoba barokotse bo mu Bisirayeli, bavyirate.
Kuk’ umubiri wanje ar’ ico kurya c’ukuri, n’amaraso yanje ar’ ico kunywa c’ukuri.
Abungere benshi bāhanyaguye uruzabibu rwanje, bāsiribanze umugabane wanje, umugabane wanje w’igikundiro bāwuciye ubugaragwa bg’ibitongozi.
Kandi ndabandikira icagezwe gisha, kand’ ico n’ic’ ukuri muri we no muri mwebge: kuk’ umwiza urik’ urashira, umuco w’ukuri umaze kwaka.
Atangura kubabgira mu migani, ati Hābaye umuntu yateye uruzabibu, aruzitirira uruzitiro, yimbamw’ ubgato bg’ikinogo, yubakamw’ umutara, arusigarana abarimyi, aja mu mahanga.
Ni mwumvīre uwundi mugani: Hābaye nyen’ urugo yateye uruzabibu; aruzitirira uruzitiro, yimbamw’ ubgato bg’ikinogo, yubakamw’ umutara, arusigarana abarimyi, aja mu mahanga.
Abisirayeli bār’ umuzabibu utotahaye, wama inzabibu zawo; ukw ivyo bamye vyabaye vyinshi, ni ko bagiye bagwiza ibicaniro vyabo vy’ibigirwamana; kand’ ukw igihugu cabo cagiye imbere, ni ko bagiye bashariza inkingi z’ibigirwamana.
Yesu arababgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Si Mose yabahaye umutsima uvuye mw ijuru; Data ni we abaha umutsima w’ukuri uvuye mw ijuru.
Kand’ abacira uyu mugani, ati Hābaye umuntu yar’ afise umusukoni watewe mu ruzabibu rwiwe, araza awuronderakw insukoni arazibura.
Ubgami bgo mw ijuru busa na nyen’ urugo azindutse kurondera abamukorera mu ruzabibu rwiwe.
Tuzinduke mu mirima y’imizabibu, Turābe kw imizabibu ipfunditse, canke kw amashurwe yayo asambuye, N’amakomamanga kw ashuritse; Aho ni ho nzokwerekera urukundo ngufitiye.
Umve none, yewe Yosuwa umuherezi mukuru, mwe na bagenzi bawe bicara imbere yawe; kukw abo ar’ abantu bo kwerekana ibizoba: kuko rāba, nzozana umushumba wanje Shami.
Umuco w’ukuri, wākira umuntu wese, warik’ uraza mur’ iyi si.
Kukw ivyagezwe vyazanywe na Mose, ubuntu n’ukuri vyazanywe na Yesu Kristo.
ngo nshirireh’ abagandaye i Siyoni igitsibo mu gishingo c’umunyota, ndabahe n’amavuta y’akaneza mu gishingo c’ukugandara, n’umwambaro wo guhimbaza mu gishingo c’umutima uhondobereye; kugira ngo baze bitwe ibiti vy’ukugororoka, imyeloni yatewe n’ Uhoraho, ngo bimutere icubahiro.
Nyoko yar’ ameze nk’umuzabibu, nk’uko nawe umeze, nk’ umuzabibu watewe hafi y’amazi, wama cane, ukagira amashami menshi, kubgo kuba ku mazi abugereye.
Arabishura, at’ Igitewe cose, Data wo mw ijuru atāteye, kizorandurwa.
Ishami ryose ryo muri jewe ritāma, arikūraho; kand’ iryama ryose araritūtūrira, ngo rirushirize kwama.
Ariko namb’ amashami amwe yarahanyuwe, nawe ur’ ikija ca elayo watewe nk’ingurukizi hagati mu mashami, usangira na yo ubukame bg’igishitsi ca elayo bgite,