8 Filipo aramubgira, ati Mugenzi, twereke So, bizoba bihaye.
8 Filipo aramubwira ati: “Mwami, twereke Data, ivyo bizoba bikwiye.”
Ivyo mbibabgiriye mu migani, arikw igihe kizoza sinzoba ngisubira kuvuganira namwe mu migani, mugabo nzobabgira ivya Data mbifoboye.
Jeho nzorāba mu nyonga hawe ngororoka, Nikanguye nzonyurwa n’ ishusho yawe.
Asenga Imana, na yo ikamuhāngaza, Bituma arāba mu nyonga hayo anezerewe: Kand’ ikagarukanira umuntu ukugororoka kwiwe.
Hahirwa abafise imitima itanduye, kukw ari bo bazobona Imana.
Uko ni ko nagutumberereye ur’ ahēra hawe, Kugira ngo ndābe ubushobozi bgawe n’ubgiza bgawe.
Natanayeli aramubaza, ati Wammenyeye hehe? Yesu aramwishura, ati Filipo ataraguhamagara, aho wari musi y’umusukoni, nakubonye.