Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 14:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Iyo muba mwarammenye, na Data muba mumuzi. Uhereye ubu muramuzi, kandi mwamubonye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Iyo muja kuba munzi vy’ukuri, mwari kuba muzi na Data. Noneho kuva ubu muramuzi kandi mwaramubonye.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 14:7
21 Referans Kwoze  

Na bo baramubaza, bati So ari hehe? Yesu arabishura, ati Nta jewe, nta Data, nta we muzi; iyo muba munzi, na Data muba mumuzi.


Vyose nabihawe na Data; kandi nta wuzi Umwana uw’ ari we, atari Data: na Data nta wumuzi uw’ ari we atar’ Umwana, n’uwo Umwana agomba kumuhishurira.


kukw amajambo wampaye nayabahaye, na bo bakayākīra, bakamenya vy’ukuri ko naturutse kuri wewe; bakizera kw ari wewe wantumye.


Nahishuriye izina ryawe abantu wampaye mu b’isi; bar’ abawe, urabampa, kandi bitondeye ijambo ryawe.


Ndabandikiye ba se, kuko mwamenye uwahereye ubga mbere na mbere. Ndabandikiye misore, kuko mwanesheje wa Mubi. Narabandikiye bana bato, kuko muzi Data wa twese.


Nabamenyesheje izina ryawe, kandi nzoribamenyesha, ng’ urukundo wankunze rube muri bo, nanje mbe muri bo.


Jewe mbe muri bo, nawe ube muri jewe, ngo bahīngūrwe babe umwe, kugira ngw isi imenye kw ari wewe wantumye, ukabakunda, nk’uko wankunze.


kugira ngo bose babe umwe, nk’uko wewe, Data, uri muri jewe, nanje nkaba muri wewe, ngo na bo abe ari ko baba muri twebge, ngw isi yizere kw ari wewe wantumye.


Kand’ ivyo bazobikora kuko batamenye Data, nanje ntibāmmenye.


Imana, imwe yavuze ng’ Umuco wāke, uvuye mu mwiza, ni yo yākiye mu mitima yacu, kwerekana umuco, ni wo kumenya ubgiza bg’Imana buri mu nyonga ha Yesu Kristo.


Ubu ni bgo bugingo budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.


Iyo ntaba narakoreye ibikorwa muri bo bitigeze gukorwa n’uwundi, nta caha baba bafise, ariko noneho twe na Data baratubonye, baraheza baratwanka.


S’ukugira ngo har’ uwabonye Data, atar’ uwavuye ku Mana: uwo ni we yabonye Data.


Nta muntu yigeze kubona Imana na rimwe; Umwana w’ikinege aba mu gikiriza ca Se ni we yayimenyekanishije.


Vyose nabihawe na Data, kandi nta wuzi Umwana, atari Data, na Data, nta wumuzi, atar’ Umwana, n’uwo Umwana agomba kumuhishurira.


Uwo, kukw ar’ ugukayangana kw’ubgiza bgayo, n’ishusho y’akameremere kayo, kand’ ashigikiza vyose ijambo ry’ubushobozi bgiwe, ahejeje gushirah’ umwuhagiro w’ivyaha, avyagira i buryo bg’icubahiro c’ubgami bgo mw ijuru:


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite