Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 14:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Ūri n’ivyagezwe vyanje akavyitondera, uwo ni we ankunda, kand’ ūnkunda azokundwa na Data, nanje nzomukunda, kandi nzomwihishurira.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Umuntu wese yakira amabwirizwa yanje akayashira mu ngiro, ni we ankunda. Kandi uwunkunda Data azomukunda. Nanje nzomukunda ndanamwiyereke.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 14:21
43 Referans Kwoze  

Ni mwankunda, muzokwitondera ivyagezwe vyanje,


Kuk’ ugukunda Imana ar’ uku, n’uko twitondera ivyagezwe vyayo: kand’ ivyagezwe vyayo ntibigora.


Arik’ uwitondera ijambo ryiwe wese, ugukunda Imana kuba guhīngūwe muri we vy’ukuri. Iki ni co kitumenyesha ko turi muri we:


Uru ni rwo rukundo, n’uko tugenda dukurikira ivyagezwe na we. Ico ni co cagezwe, nk’uko mwumvise uhereye mbere na mbere, ko mukigenderamwo.


Maze ni mwagira umwete wo kwumvira ivyagezwe mbagera uyu musi, mugakunda Uhoraho Imana yanyu, mukamukorera mubiherejekw imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose,


Kuko Data na we ubgiwe abakunda, kuko mwankunze kandi mwizeye ko naturutse ku Mana.


Na we aramwishura, ati Cane‐cane hahirwa abumva ijambo ry’Imana bakaribungabunga.


Mur’ abakunzi banje, ni mwakora ivyo mbagera.


Ehe mpagaze ku rugi, ndaramukije. Umuntu ni yumva ijwi ryanje, akugurura urugi, ndinjira i we, dusangire.


Hahirwa abamesura imvune zabo, kugira ngo babone kwēgēra ca giti c’ubugingo, kandi bace mu birimba bashike kuri wa murwa.


Imana, imwe yavuze ng’ Umuco wāke, uvuye mu mwiza, ni yo yākiye mu mitima yacu, kwerekana umuco, ni wo kumenya ubgiza bg’Imana buri mu nyonga ha Yesu Kristo.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha nzomuha kuri manu yanyegejwe, kandi nzomuha ibuye ryera, kur’ iryo buye handitswekw izina risha, nta muntu arizi, atar’ ūzorihabga.


Jewe mbe muri bo, nawe ube muri jewe, ngo bahīngūrwe babe umwe, kugira ngw isi imenye kw ari wewe wantumye, ukabakunda, nk’uko wankunze.


Abanezererwa urubanza rwanje ruroranye bavugishwe impundu n’umunezero, Mbere ni bavuge urudaca, bat’ Uhoraho ahimbazwe, Akunda k’umusavyi wiwe aba amahoro.


Murābe urukundo uko rungana Data wa twese yatugiriye, ko twitwa abana b’Imana; kandi ni ko turi. Ni co gituma ab’ isi batatuzi, kuko batayimenye.


Uhoraho Imana yawe ari hagati muri wewe n’umuhizi ashobora gukiza: azokunezererwa n’akanyamuneza, ahwekerere mu rukundo rwiwe; azokunezererwa avuza impundu,


Ariko, Umwami wacu Yesu Kristo ubgiwe, n’Imana Data wa twese, yadukunze, ikaduha kwirurwa imibabaro guhoraho, bo n’ivyizigiro vyiza biheshwa n’ubuntu bgayo,


Eh’ imisi igira ize, ni jewe Uhoraho mbivuze, aho nzosezerana isezerano risha n’umuryango wa Isirayeli n’umuryango wa Yuda:


Uwo azoshimagiza jewe, kukw azokwābīra ku vyanje, akabibamenyesha.


Sinzobasiga nk’impfuvyi, nzoza kuri mwebge.


Umwami abane n’umutima wawe. Ubuntu bg’Imana bubane namwe.


Tweho twese, ko tutitwikiriye mu maso, tukerekana nk’icirore ubgiza bg’Umwami, turahinduka, tugashushanywa n’iyo shusho, tukava mu bgiza tukaja mu bundi, nk’abahindurwa n’Umwami, ari we Mpwemu.


ndamubona ambgira, ati Tebuka, uve i Yerusalemu vuba, kuko batazokwemera ivy’ unshingira intahe.


Kandi kur’ ivyo natakambiye Umwami wacu gatatu ngo kimvemwo.


Mose aramwishura, ati Ndakwinginze, nyereka ubgiza bgawe.


azobakunda, abahe umugisha, abagwize; azohezagira uruvyaro rwo mu nda zanyu, n’imirima yo mu ndimiro zanyu, n’amasaka na vino n’amavuta ya elayo, n’ukugwira kw’ inka zanyu n’ukw’ imikuku yanyu, abihezagirire mu gihugu yarahiye ba sogokuruza banyu kw azokibaha.


Nkunda abankunda, Kand’ abandondera ubudahumeka bazombona.


kuko yifatanije n’Uhoraho akaramata, ntākevye ngw areke kumukurikira, arikw akitondera ivyagezwe Uhoraho yageze Mose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite