Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 14:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ūnyizera, ibikorwa jewe nkora na we azobikora: kand’ azokora ibibiruta, kuko jewe ngiye kwa Data.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Ndababwire ukuri, uwunyizera wese azokora ibikorwa nk’ivyo nakoze, mbere azokora n’ibibiruta, kuko jewe ngiye kuja kwa Data.

Gade chapit la Kopi




Yohana 14:12
28 Referans Kwoze  

Yesu arabishura, ati Ndababgire ukuri: Iyo muba muri n’ukwizera, mudakekeranya, ntimwokora ic’ uyu musukoni gusa, ariko mwobgira n’uyu musozi, muti Shingūka, utabge mu kiyaga; vyoba ko.


Kand’ ibimenyetso bizokwama biboneka ku bizera n’ibi: bazosenda abadayimoni mw izina ryanje; bazovuga indimi nsha;


Amara imisi myinshi agenza artyo. Ariko Paulo adundumiwe, arahindukira, abarira dayimoni, ati Ndakubariye mw izina rya Yesu Kristo, muvemwo. Amuvamwo mur’ ako kanya.


Petero aramubgira, ati Ayineya, Yesu Kristo aragukijije: vyuka, wizingire ikirago. Aca avyuka ako kanya.


vyatuma bashīra abarwaye ibitambara n’ivyambazo bivuye ku mubiri wiwe, bagakira indwara zabo, impwemu zihumanye zikabavamwo.


Petero arabataramura bose, arapfukama, arasenga; maz’ ahindukirira umuvyimba, ati Tabita, vyuka. Arakanura; maz’ abonye Petero, aravyuka, aricara.


Kuko benshi muri bo bāri binjiwemwo n’impwemu zihumanye zābavamwo, ziboroga n’amajwi arenga; kandi n’abāri bamugaye n’abacumbagira benshi barakizwa.


bituma banaterurira abarwaye ku nzira, babashira mu nderuzo no ku birago, kugira ngo Petero ni yahaca, naho coba igitūtu ciwe gishike kuri bamwe.


Nukw abemeye amajambo yiwe barabatizwa: abongewe kur’ uwo musi ku bāri basanzweho bāri nk’ibihumbi bitatu.


Ariko benshi mu bumvise iryo jambo barizera, igitigiri c’abagabo gishika nk’ibihumbi bitanu.


Ariko jewe ndababgira ukuri: Ikizogira ico kibamarira, n’uko jewe ngenda; kuko ni ntagenda, Umwitsa ntazoza kuri mwebge: ariko ni nagenda nzomubarungikira.


Nukw amaze gushirwa hejuru n’ukuboko kw’i buryo kw’Imana, kand’ ashikirijwe na Se isezerano, ari ryo Mpwemu Yera, non’ asutse ico muriko murabona kandi mwumva.


Arikw ivyo yabivuze kuri Mpwemu, uwo abamwizera bāgira bahabge; kuko Mpwemu ataribgatangwe, kuko Yesu ataribgashike mu bgiza bgiwe.


Maze Yesu aravuga, ati Hasigaye igihe gito nkiri kumwe namwe, nkaja ku wantumye.


n’ubushobozi bg’ibimenyetso bikomeye, n’ibitangaza, n’ubushobozi bga Mpwemu Yera. Ivyo vyatumye nshitsa ubutumwa bga Kristo, utanguriye i Yerusalemu, ugakikuza, ugashika no muri Iluriko,


Nukw ijambo ry’Imana riragwira; abigishwa barōndōka cane i Yerusalemu, abaherezi b’akavuvu bumvira ukwizera.


bati Mbeg’ aba bantu tubagire dute? Ko vyamenyekanye mu baba i Yerusalemu bose yuko bakoze ikimenyetso kibaye rurangiranwa, natwe ntidushobora kubihakana;


Mwumvise ko nababgiye, nti Ndagiye, ariko nzobagarukako. Iyo muba munkunda, muba munezerejwe n’uko ngiye kwa Data, kuko Data ari we anduta.


Kuko bumvise bavuga izindi ndimi, bahimbaza Imana. Maze Petero arababaza,


Kand’ intumwa zāshingira intahe ukuzuka kw’Umwami Yesu ziri n’ubushobozi bginshi, kand’ ubuntu bg’Imana bginshi buba kuri bo bose.


Akiri kure, abona umusukoni urikw amababi, arawēgēra ngo kumbure yogira ic’ awusangako: awushitseko ntiyagira ic’ awubonako, atar’ amababi: kuko kitār’ igihe co kwama c’umusukoni.


Kuko mur’ ivyo ari ho iri jambo rimenyekanira kw ar’ iry’ ukuri, ngo Habiba umwe, hakimbura uwundi.


Kuko Se akunda Umwana, akamwereka ivy’ akora vyose ubgiwe, kand’ azomwereka ibikorwa biruta ivyo, kugira ngo mwebge mutangare.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite