Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 14:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Ntiwizeye ko jewe ndi muri Data, na Data ari muri jewe? Amajambo mbabgira s’ayo nigeneye, ariko Data aba muri jewe ni we akora ibikorwa vyiwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Mbega ntiwizera ko ndi muri Data, Data na we akaba muri jewe? Amajambo ndababwira si ayo nigenera, ahubwo Data ambamwo ni we akorera muri jewe igikorwa ciwe.

Gade chapit la Kopi




Yohana 14:10
26 Referans Kwoze  

Nuko Yesu asubira kubabgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Nta co Umwana ashobora kwigenera, atabonye Se agikora, kukw ivyo Se akora vyose n’Umwana aca abikora kuno.


ariko ni nabikora, naho jewe mutanyemera, mupfe kwemera ibikorwa, kugira ngo mumenye, mutahure, yuko Data ari muri jewe, nanje nkaba muri Data.


rivuga ivya Yesu Umunyanazareti, ingen’ Imana yamusutseko Mpwemu Yera n’ubushobozi, akagenda agirira abantu neza, agakiza abo bose wa Murwanizi atwaza amanyama, kukw Imana yari kumwe na we.


Kukw ivyo ntabivuze mvyigeneye, ariko Data yantumye, ni we yangeze ivyo nkwiye kuvuga n’ivyo nkwiye gusigura.


Jewe na Data tur’ umwe.


Nuko Yesu arababgira, at’ Aho muzomanikira Umwana w’umuntu, ni ho muzomenya ko ndi We, kandi kw ata co nkora nigeneye; uko Data yanyigishije, ni ko mbivuga.


Kuko muri we ari ho haba ukunengesera kwose kw’Ubumana mu buryo bg’umubiri.


kukw amajambo wampaye nayabahaye, na bo bakayākīra, bakamenya vy’ukuri ko naturutse kuri wewe; bakizera kw ari wewe wantumye.


Yesu arababgira, ati Data arakora kugeza n’ubu, nanje ndakora.


Kandi Mpwemu ni we abishingira intahe, kuko Mpwemu ar’ ukuri.


ni kwo kuvuga yukw Imana yari muri Kristo yiyuzuza n’abari mw isi, ntiyabaharūrakw ibicumuro vyabo, kandi yatubīkije ijambo ry’umwuzuzo.


Jewe mvuga ivyo nabonye kuri Data; namwe mukora ivyo mwumvise kuri so.


Kukw Imana yahimbawe n’uk’ ukunengesera kwayo kwose kuba muri we:


Uwo musi muzomenya ko ndi muri Data, namwe muri muri jewe, nanje ndi muri mwebge.


Maze Yesu arabishura, at’ Izi nyigisho zanje s’izanje, n’iz’ uwantumye.


Ariko none murondera ingene mwonyica, umuntu yababariye ivy’ ukuri, ivyo numvise ku Mana; Aburahamu ntiyagize artyo.


kand’ ūriho wese anyizera, nta ho azokwigera apfa gushitsa ibihe bidashira. Urizeye ivyo?


uwo aza kuri we mw ijoro, aramubgira, ati Mwigisha, turazi yuk’ ur’ umwigisha yavuye ku Mana, kukw ata muntu ashobora gukora ibimenyetso nk’ivyo ukora, shit’ Imana iri kumwe na we.


Ni munyizere ko ndi muri Data, na Data ari muri jewe, bibuze, mupfe kwizera kubg’ ibikorwa ubgavyo.


Ūtankunda ntiyitondera amajambo yanje, kand’ ijambo mwumva s’iryanje, ariko n’irya Data yantumye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite