1 Ntimuhagarike imitima yanyu, mwizere Imana, nanje munyizere.
1 “Ntimuhagarike imitima yanyu, mwizere Imana kandi nanje munyizere.
Uzozigama amahoro masa umuntu akwegamikako umutima wiwe, kukw akwizigiye.
Yesu arasemerera, at’ Ūnyizera, si jewe yizeye, ariko yizeye uwantumye:
Kukw iki ari co Data agomba: agomba yuk’ ūbona Umwana wese akamwizera, agira ubugingo budashira, nanje nkazomuzura ku musi w’iherezo.
Mutima wanje, n’iki gitumye wicurikīra? N’iki gitumye umpagararamwo? Ni wishimire Imana, kuko na none nzosubira kuyihimbaza, Ni yo gakiza ko mu maso hanje, n’Imana yanje.
mwebge abo yahaye kwizera Imana, ni yo yamuzuye mu bapfuye ikamuha ubgiza: ni co gituma ukwizera kwanyu n’ivyizigiro vyanyu biba ku Mana.
Uhereye ubu ndabibabariye bitaraba, kugira ngw aho bizobera, muze mwizere ko ndi we.
Ni co gituma nanje, numvise ukwizera Umwami Yesu kuri muri mwebge, n’urukundo mukunda abera bose,
Umushaha wanje urahagaze: none mvuge iki? Ngire nti Data, n’unkize iki gihe? Yamara ni co canzanye ngo nshike mur’ iki gihe.
ntimushōke munyiganyiga ngo mugwe igihūmura, canke ngo muhagarike imitima, naho mwoba mubitewe n’impwemu canke n’ijambo canke n’icete kimeze nk’ikivuye kuri twebge, kivuga yuk’ umusi w’Umwami wacu uhejeje gushika.
none ni co gituma mukwiye cane‐cane kumuharira, no kumwirura, ng’ūmeze artyo ntarengerwe n’umubabaro usāgutse.
Yesu abonye kw arira, n’Abayuda bāri kumwe na we barira, agira ikigumbagumba mu mutima, arawuhagarika,
ngo bose bubahe Umwana nk’uko bubaha Se; ūtubaha Umwana ntaba yubaha Se yamutumye.
Icompa nkabona uko nomarwa umubabaro! Umutima wanje undendebukiyemwo.
Kand’ ivyo bazobikora kuko batamenye Data, nanje ntibāmmenye.
Maze ndavuga, nt’ Ivyo n’ indwara iri muri jewe: Mbega ko niyumviriye yuk’ ukuboko kw’i buryo kw’ Īsumba vyose guhinduka!
Ariko kuko mbabariye ivyo, umubabaro waciye wuzura mu mitima yanyu.
Kugeza ubu nta co mwasavye mw izina ryanje; musabe muzohabga, ng’umunezero wanyu wuzuzwe.