Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 13:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Petero aramubgira, ati Nta ho uzokwigera unyoza ibirenge gushitsa ibihe vyose. Yesu aramwishura, ati Ni ntakwoza, nta ho tuzoba duhūriye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Petero aramubwira ati: “Oya, wewe ntuzokwigera unyoza ibirenge!” Yesu aramwishura ati: “Ni ntakwoza ibirenge, nta co tuzoba duhuriyeko.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 13:8
28 Referans Kwoze  

iradukiza, itadukirishije ibikorwa vyo kugororoka twakoze, ariko, nk’ukw imbabazi zayo ziri, idukirisha ukwozwa kuzana ukuvyarwa ubga kabiri, ikadukirisha uguhindurwa basha na Mpwemu Yera,


Non’ ikigutevya n’iki? Va hasi, ubatizwe, wiyuhagire ivyaha vyawe, wambaze izina ryiwe.


twegereze dufise imitima y’ukuri, twizeye ata mazinda, imitima yacu icucagiwe ngw ivanwemw’ ibitwagiriza bibi, imibiri yacu yuhagijwe amazi meza.


ngw aryeze, aryogesheje amazi n’ijambo,


Kandi bamwe muri mwebge ni ko mwari muri: ariko mwaruhagiwe, ariko mwarejejwe, ariko mwatsindanishirijwe mw izina ry’Umwami Yesu Kristo no muri Mpwemu w’Imana yacu.


Kandi nzobamijakw amazi meza, mushire imvyiro: nzoboza imyanda yanyu yose, n’ibigirwamana vyanyu vyose.


Ndamwishura, nti Mugenzi, ni wewe wobimenya. Arambgira, at’ Aba n’abāvuye muri wa mubabaro mwinshi, kandi bamesuye imvune zabo bazezesha amaraso ya wa Mwagazi.


no kuri Yesu Kristo, icabona co kwizigirwa, imfura y’abari barapfuye, ūganza abami bo mw isi. Umwe adukunda, yatubohoje ivyaha vyacu amaraso yiwe,


Ayo mabgirizwa koko afise ishusho y’ubgenge, kukw abgiriza gusenga nk’ukw abantu bīrāritse, no kwicisha bugufi, no kwibabaza umubiri, ariko ntagira ikimazi co kubuza ukwifuza kw’akameremere k’umuntu.


Ntihakagire umuntu abagunga impēra yanyu, nk’uko yigombera ubgiwe, ayibagungishije kwicisha bugufi no gusenga abamarayika, aguma mu vyo yabonye gusa, atewe kwihimbariza ubusa n’ubgenge bg’akameremere kiwe,


Yesu aramwishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Iy’ umuntu atavyawe n’amazi na Mpwemu, ntashobora kwinjira mu bgami bg’Imana.


Maze Petero aramwishura, at’ Ivyawe n’iyo vyotsitaza bose, jeho nta ho bizontsitaza.


Aramwishura, at’ Eka singenda. Maze hanyuma aririmbura, aragenda.


Kur’ uwo musi ab’inzu ya Dawidi n’ababa i Yerusalemu bazotoborerwa imbizi yo kubōza ivyaha n’ibihumane.


Umwami Imana amaze kwuhagira imyanda abakobga b’i Siyoni ayirangije, kand’ amaze gukūra kuri Yerusalemu amaraso y’abantu, ayakūjeh’ impwemu y’amateka n’impwemu yo guturira.


Petero aramubgira, ati N’iyo noba nkwiye gupfana nawe, sinokwihakana. N’abigishwa bose bavuga bartyo.


Petero aramwihererana, atangura kumwamira, ati Ntibikāze, Mwami wanje, ntibize bikubeko na gato.


Aramwishura, at’ Umwana wanje ntazomanukana namwe; kuko mukuru we yapfuye, akaba asigaye ar’ ikinege: yogira ic’ aba mu nzira, mugatuma imvi zanje zimanukana umubabaro i kuzimu.


Nukw ashika kuri Simoni Petero, na we aramubaza, ati Mugenzi, ni wewe unyoza ibirenge?


muheze munezererwe imbere y’Uhoraho Imana yanyu, mwe n’abahungu banyu n’abakobga banyu, n’abagurano banyu n’abaguranokazi banyu, n’Abalewi baba muri mwebge, kukw Abalewi ata mugabane cank’ ishamvu bafise muri mwebge.


Hār’ umuntu w’umugesera yitwa Sheba, mwene Bikuri Umubenyamini; aca avuza inzamba, aravuga, ati Dawidi nta co tumwegako, nta mugabane dufise kuri mwene Isayi: yemwe Bisirayeli, hogi twitahire, umuntu wese aje i muhira!


Maz’ Abisirayeli bose babonye yuk’ umwami yanse kubemerera, baramubarira, bati Dawidi har’ ico tumwegako? Eka nta mugabane dufise kuri mwene Isayi: yemwe Bisirayeli, hogi twitahire i muhira! Nawe Dawidi, urimenya, mwe n’umuryango wawe! Nukw Abisirayeli baritahira, basubira i wabo.


Unyuhagire rwose ukugabitanya kwanje, Unyoze icaha canje.


Unyezeshe ezobu, ndera: Unyuhagire ndaba derere kurusha uko shelegi yera.


Simoni Petero aramubgira, ati Mugenzi, ntugarukize ku birenge gusa, arik’ ushikane ku maboko no ku mutwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite