Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 13:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 ava hasi mw irīro, akūra umutamana, yābīra icambazo, arakenyera;

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Nuko arahaguruka ava ku meza, akura umutamana wiwe, afata igitambara co kwihanaguza aragikenyera.

Gade chapit la Kopi




Yohana 13:4
9 Referans Kwoze  

Kuko muzi ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo, yuko naho yar’ umutunzi, yahindutse umworo kubganyu, kugira ng’ubgoro bgiwe bubatungishe.


Umukuru ni nde, n’ūkorerwa, canke n’ūmukorera? Mbega s’ūkorerwa? Ariko jeho ndi hagati muri mwebge mmeze nk’ūbakorera.


Hahirwa abo bashumba, abo shebuja azoza agasanga bari maso: ndababgire ukuri: Azokenyera, abicarike, aze, abagaburire.


Ariko ni nde muri mwebge afise umugurano amurimira cank’ amuragirira intama, iyo yinjiye avuye ku kivi canke kuragira, mbega yomubarira, ati Ngwino n’ingoga wicare urye?


Yehoshafati arabaza, ati Mbega nta wuvugishwa n’Uhoraho yoba ngaha, ngw adusigurize Uhoraho? Umwe mu bantu b’umwami w’ Abisirayeli aramwishura, ati Elisa mwene Shafati ari hano, yahora ar’ umusuku wa Eliya.


Ariko ntiyomubarira, at’ Arura ivyo kurya vyanje, ukenyere, ungaburire, gushitsa aho mpereza kurya no kunywa, nawe hanyuma ubone kurya no kunywa?


Nukw ahejeje kubōza ibirenge, yābīra umutamana wiwe, yongera kwicara; arababaza, ati Mbega muramenye ico mbagiriye?


Kuk’ ubu ari bgo butumwa mwumvise uhereye mbere na mbere, ngo dukundane;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite