Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 13:36 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

36 Simoni Petero aramubaza, ati Mugenzi, uja hehe? Yesu aramwishura, at’ Aho nja ntushobora kunkurikira ubu, arik’ uzonkurikira hanyuma.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

36 Simoni Petero aramubaza ati: “Mwami, ugiye kuja he?” Yesu aramwishura ati: “Ntushobora kunkurikira aho ngiye, ariko uzonkurikira hanyuma.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 13:36
8 Referans Kwoze  

Kuko nzi yukw igihe co kwamburwa urusago rwanje kiza kuza gitebutse, nk’uk’ Umwami wacu Yesu Kristo yammenyesheje.


Bana bato, ndacari kumwe namwe akanya gato. Muzondondera, ariko, nk’uko nabgiye Abayuda, nt’ Aho nja ntimushobora gushikayo, ni ko none ndababgira namwe.


Bamwe mu bigishwa biwe barabazanya, bati Mbeg’ ivyo atubgiye n’ibiki ngo Hasigaye igihe gito ntimube mukimbona, ngo Maze hazoca ikindi gihe gito musubire kumbona, kandi ngo Kuko nja kwa Data?


I muhira kwa Data har’ amazu menshi, iy’ aba atariho, mba ndabibabgiye, kuko ngiye kubategurira ahanyu.


None ngira ngende ku wantumye, kandi nta n’umwe muri mwebge arushe ambaza at’ Uja hehe?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite