35 Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko mur’ abigishwa banje.
35 Nimwakundana, bose bazomenya ko muri abigishwa banje.”
Ūkunda mwene Data wundi aguma mu muco, nta gitsitaza kiri muri we.
kugira ngo bose babe umwe, nk’uko wewe, Data, uri muri jewe, nanje nkaba muri wewe, ngo na bo abe ari ko baba muri twebge, ngw isi yizere kw ari wewe wantumye.
Arik’ uwitondera ijambo ryiwe wese, ugukunda Imana kuba guhīngūwe muri we vy’ukuri. Iki ni co kitumenyesha ko turi muri we:
Kandi none ndakwinginga mukamakare, si nk’ūkwandikira icagezwe gisha, ariko n’ico twamanye uhereye mbere na mbere, ngo dukundane.