Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 13:34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Ndabaha icagezwe gisha: ni mukundane; nk’uko nabakunze, abe ari ko namwe mukundana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Ndabahaye icagezwe gishasha: Nimukundane. Nk’uko nabakunze, ni ko namwe mukwiye gukundana.

Gade chapit la Kopi




Yohana 13:34
38 Referans Kwoze  

Kandi mugendere mu rukundo, nk’uko Kristo na we yabakunze, akatwigura, akatubera ishikanwa n’ikimazi bihabga Imana, umubabge umota neza.


Ntihaze hagire uwihōra, cank’ ūbīkira inzigo abo mu bgoko bgabo; ariko mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda: ni jewe Uhoraho.


Ivyo ndabibageze kugira ngo mukundane.


Nuko rero, ko mwejesheje imitima kwumvira ukuri, kugira ngo mukunde bene Data bitar’ uruheyiheyi, mukovye mu gukundana bivuye mu mitima.


Mwākīrane imitwaro, mushikane murtyo ivyagezwe na Kristo.


Kand’ icagezwe cayo ngiki: n’uko twizera izina ry’Umwana wayo Yesu Kristo, tugakundana, nk’uko yatubariye.


Kandi dufise iki cagezwe kuri yo, ng’ Ūkunda Imana akunde na mwene Data wundi.


Mugabo namba mushitsa icagezwe c’i bgami nk’uko canditswe, ngo Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda, muba mugize neza.


Namwe Umwami wacu abagwirize, abasagirize urukundo mukundana, no gukunda abandi bose, nk’uko natwe tumeze kuri mwebge:


ku vyo gukunda bene Data, mukundane rwose; ku vy’icubahiro, umuntu wese ashire imbere mugenzi we;


Kandi none ndakwinginga mukamakare, si nk’ūkwandikira icagezwe gisha, ariko n’ico twamanye uhereye mbere na mbere, ngo dukundane.


Nuko rero, iyo turonse uburyo, tugirire bose neza, cane‐cane ab’ inzu y’abizera.


Kuk’ ubu ari bgo butumwa mwumvise uhereye mbere na mbere, ngo dukundane;


Umunyamahanga aba muri mwebge muze mumugirire nk’imvukira, mumukunde nk’ uko mwikunda: kuko namwe mwar’ abanyamahanga mu gihugu ca Egiputa: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.


Ugukunda bene Data ni kugumeho.


Biradukwiye kwama tubashimira Imana, bene Data, nk’uko bikwiye, kuk’ ukwizera kwanyu gukura cane, n’urukundo rw’ umuntu wese muri mwebge mukundana rugwira.


Arikw ivyo Mpwemu yama n’urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa,


ukwubaha Imana mukwongereko gukunda bene Data; ugukunda bene Data mukwongerek’ urukundo.


kuko twumvise ukwizera Kristo Yesu kwanyu, n’urukundo mufitiye abera bose,


Kuko muri Kristo Yesu, ar’ ugukebga, ar’ ukudakebga, bitagira ikimazi; ikigira ikimazi n’ukwizera gukoreshwa n’urukundo.


kugira ngo bose babe umwe, nk’uko wewe, Data, uri muri jewe, nanje nkaba muri wewe, ngo na bo abe ari ko baba muri twebge, ngw isi yizere kw ari wewe wantumye.


Ngendana n’abakwubaha bose, N’abitondera amateka washinze.


Abera bo mw isi Ni bo ntōre nnezererwa bonyene.


Ariko jeho ndababgire: Mukunde abansi banyu, musabire ababahama,


Ntihagire uwo mugirira umwenda, atar’ ugukundana: kuk’ ūkunda uwundi aba ashikije ivyagezwe.


Ūfise urukundo ntagirira mugenzi we nabi: ni co gituma urukundo ari rwo rushitsa ivyagezwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite