Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 13:27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Hanyuma y’iyo ntore, Satani aca yinjira muri we. Nuko Yesu aramubarira, at’ Ico ukora, gikore n’ingoga.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

27 Yuda amaze kurya uwo mukate, Satani aca amwinjiramwo. Yesu aramubwira ati: “Nyarutsa ukore ico wateguye gukora.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 13:27
16 Referans Kwoze  

Satani yinjira muri Yuda ari we Isikaryota, yari mu gitigiri ca bamwe cumi na babiri.


Bakiriko bararya ku mugoroba, wa Murwanizi amaze kwinjiza ubuguranyi mu mutima wa Yuda Isikaryota, mwene Simoni,


Petero aramubaza, ati Ananiya, n’iki gitumye Satani yuzuza umutima wawe guhenda Mpwemu Yera, ukīsigariza ku biguzi vy’ishamvu?


Igaca igenda, ikazana izindi mpwemu ndwi ziyirusha ububi, zikinjira, zikahaba. Ivya nyuma vy’uwo muntu bikarusha ivya mbere ububi. Ni ko bizoba no ku b’iki gihe kibi.


Ubu n’ubuyobe mu bikorerwa musi y’izuba vyose, yukw iherezo rya bose ari rimwe: mbere, mu mitima y’abana b’abantu huzuyemw’ ibibi, kandi bakiriho, ubusazi buba mu mitima yabo, hanyuma bakitāhira mu bapfuye,


Kukw ibirenge vyabo vyirukira gukora ikibi, Kandi bihutira kuvisha amaraso.


Abaza Ariyoki umushibamyi w’umwami, at’ Igituma habaye icagezwe c’ikibiriraho kivuye ku mwami n’iki? Nuko Ariyoki abimenyesha Daniyeli ivy’ ari vyo.


Aca aza ah’ umwami ari n’ingoga, aramusaba, ati Ndagomba k’umpa nonaha umutwe wa Yohana Umubatizi ku mubehe.


Umuhe kuganzwa n’umunyakibi, Wa murwanizi ahagarare i buryo bgiwe.


Bagejeje mu mashōka, Eliya arabashinyagurira, ati Ni mushire ijwi hejuru: erega n’imana! Kumbure yahubiye ku bindi, canke har’ ibiyifatiriye, canke yamaze urubanza, canke kumbure irasinziriye mukwiye kuyikangura!


Buno Yesu aramubgira, ati Mvako, Satani, kuko vyanditswe, ng’ Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usenga, kand’ abe ari yo usaba yonyene.


Yesu aramwishura, ati Mbega si jewe nabatoranije uko mur’ icumi na babiri? Arik’ umwe muri mwebge n’umurwanizi.


Ariko mur’ abo bicaranye nta n’umwe yamenye ico abimubgiriye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite