Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 13:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Hārih’ umwe mu bigishwa biwe yari yegamiye mu gikiriza ca Yesu bariko bararya, umwe Yesu yakunda.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Umwe muri bo, uwo Yesu yakunda, yari yegamiye mu gikiriza ca Yesu bari ku meza.

Gade chapit la Kopi




Yohana 13:23
15 Referans Kwoze  

Yesu abonye nyina na wa mwigishwa yakunda ahagazeho, abarira nyina, ati Nyina wanje, nguyo umwana wawe.


Petero arakebuka, abona wa mwigishwa Yesu yakunda abakurikiye, umwe yari yegamiye mu gikiriza ca Yesu hamwe bāsangira, akamubaza, ati Mugenzi, ni nde azokugura?


Wa mwigishwa Yesu yakunda abgira Petero, ati N’Umwami Yesu. Simoni Petero yumvise kw ar’ Umwami, akenyera impuzu, kuko yari gusa, araheza yikubita mu kiyaga.


agenda ariruka ashikīra Simoni Petero na wa mwigishwa wundi Yesu yakunda, arababgira, ati Bākūye Umwami Yesu mu mva, kandi ntituzi aho bāmushize.


Abayuda baravuga, bat’ Eh’ ingene yamukunda.


Kandi Yesu yarakunda Marita na mwene nyina na Lazaro.


Bashiki biwe batuma kuri Yesu, bati Mugenzi, wa wundi ukunda ararwaye.


Ariko nya mworo nta co yar’ afise, atar’ akāgazi k’intama kamwe yari yaraguze, akakarera, kagakura kari kumwe na we n’abana biwe, kakarya ku two kurya twiwe, kakanywera mu gikombe ciwe, kakāma karyama mu gikiriza ciwe, kakamumerera nk’umukobga yivyariye.


Uwo ni wa mwigishwa yashingiye intahe ivyo, kandi ni we yavyanditse, kandi natwe tuzi yukw intahe yiwe ar’ iy’ ukuri.


Uyo rero ahengamira inyuma, uko yari hano nyene mu gikiriza ca Yesu, aramubaza, ati Ni nde ga Mugenzi?


Nta muntu yigeze kubona Imana na rimwe; Umwana w’ikinege aba mu gikiriza ca Se ni we yayimenyekanishije.


Hanyuma rero wa mworo arapfa, abamarayika bamujana mu gikiriza ca Aburahamu: na nya mutunzi arapfa, arahambga.


Simoni Petero amuvunira akagohe, ati Tubgire uwo avuze uw’ ari we.


Azariya mwene Natani yar’ umukuru w’ abamenyekana; Zabudi mwene Natani nyene yar’ umuherezi kandi yar’ umukunzi w’umwami;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite