22 Abigishwa bararābana, bazazaniwe uwo avuze uw’ ari we.
22 Abigishwa barabana mu maso, bibaza uwo ariko aravuga.
Batangura kubazanya, ngo ni nde muri bo agira akore ico kintu.
Batangura kubabara, bamubaza umwe‐umwe, bati Mbega ni jewe?
Barababara cane, batangura kumubaza umwe‐umwe, bati Ni jewe ga Mugenzi?
Maze Yakobo yumva ko muri Egiputa har’ amasumo; abaza abana biwe, ati N’iki gituma murābana?
Bariko bararya, arababgira, ati Ndababgira ukuri yuk’ umwe muri mwebge agira angure.
Bicaye bariko bararya, Yesu arababgira, ati Ndababgire ukuri: Umwe muri mwebge, uwo dusangira, agira angure.
Kandi rāba, ukuboko kw’ ūngura kuri kumwe nanje ku meza.
Simvuze mwese, kuko nzi abo natoranije, ariko n’ukugira ngw ivyanditswe bishike, ng’ Ūrya ivyo kurya vyanje ni we ambanguriye umugere.
Yesu avuze ivyo, ahagarika umutima, abivuga avyataguye, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Umwe muri mwebge agira angure.