Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 13:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Uhereye ubu ndabibabariye bitaraba, kugira ngw aho bizobera, muze mwizere ko ndi we.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Ndabibabwiye bitaraba, kugira ngo nivyashika muze mwizere ko ndi uwo ndi we.

Gade chapit la Kopi




Yohana 13:19
15 Referans Kwoze  

Nuko none ndabibabgiye bitaraba, ngw aho bizobera muze mwizere.


Ni mwebge vyabona vyanje, ni k’Uhoraho agize, n’abasavyi banje natoranije, kugira ngo mummenye kandi munyizere, kandi mutahure ko nd’ uwo ndi we: nta mana yigeze kubumbga hirya yanje, kandi nta yizonza mu nyuma.


Ico mbabaririye ivyo, n’ukugira ngw igihe cavyo ni cashika, muze muvyibuke ko nanje nabibabgiye. Uhereye ubga mbere sinaribgabibabgire, kuko nari nkiri kumwe namwe.


ni co catumye mbikubarira uhereye kera, bitaraba nkabikwereka; kugira ngo woye kuvuga, uti Ya mana yanje ni yo ibikoze, ni ca gishushanyo canje c’ikibāzano, ni ca gishushanyo canje cavugutiwe mu nkero, ni co cabigeze.


Yesu arababgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Aburahamu ataravuka, jewe namye ndiho.


Rāba ndabibabgiye bitaraba.


ati Mbeg’ uri wa wundi akwiye kuza, canke twitege uwundi?


Umve ngira ntume integuza yanje, indoranirize inzira imbere yanje: kand’ Umwami murondera azoshika giturumbuka mu rusengero rwiwe, ari we ntumwa y’isezerano munezererwa, eh’ araje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Yohana amushingira intahe, arasemerera, at’ Uwo ni we navuze, nt’ Ūza inyuma yanje ni we yar’ uwa mbere kuri jewe, kuko yariho ntarabaho.


bicike ikimenyetso kibere mwebge icabona.


Muvuge ibigiye kuzoza hanyuma kugira ngo tumenye ko mur’ imana: mupfe gukora iciza canke gukora ikibi, kugira ngo tukirābe twese, tujorerwe.


Yesu aramubgira, ati Ni jewe nyene turiko turavugana.


Nuko Yesu arababgira, at’ Aho muzomanikira Umwana w’umuntu, ni ho muzomenya ko ndi We, kandi kw ata co nkora nigeneye; uko Data yanyigishije, ni ko mbivuga.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite