17 Ni mwamenya ivyo, muzoba muhiriwe ni mwabikora.
17 Ivyo murabimenye, ariko muzohezagirwa ni mwabishira mu ngiro.
Na we aramwishura, ati Cane‐cane hahirwa abumva ijambo ry’Imana bakaribungabunga.
Nuk’ ūzi gukora neza ntabikore, bimubera icaha.
Ariko, uwitegereza ivyagezwe bitunganye rwose, ari vyo vy’umwidegemvyo, akabishishikara, atar’ uwumva akavyibagira, arikw ar’ ūbikora, ni we azohabga umugisha mu vy’ akora.
Kandi nzobashiramwo Mpwemu wanje, ndabagendeshereze mu vyagezwe vyanje, namwe muzokwitondera amabgirizwa yanje, muyashitse.
Nuko Mose abigenza artyo: uk’ Uhoraho yamubariye kwose, ni ko yabikoze.
Hahirwa abamesura imvune zabo, kugira ngo babone kwēgēra ca giti c’ubugingo, kandi bace mu birimba bashike kuri wa murwa.
Kandi ni vyo bibūrira umusavyi wawe; Kuvyitondera harimw’ impēra nini.
Kuko muri Kristo Yesu, ar’ ugukebga, ar’ ukudakebga, bitagira ikimazi; ikigira ikimazi n’ukwizera gukoreshwa n’urukundo.
Kuk’ umuntu wese akora ivyo Data wo mw ijuru agomba ari we murumunanje na mushikanje na mama.
Nuko Nowa abigenza artyo: ukw Imana yamubariye kwose ni ko yakoze.
Mur’ abakunzi banje, ni mwakora ivyo mbagera.
Iyo hatar’ uguhishurirwa, abantu bīgira uko bagomba, Arik’ uwitondera ivyagezwe aba ahiriwe.
Maz’ Uhoraho arambarira, ati Tāngāza aya majambo yose mu bisagara vy’i Buyuda, no mu nzira z’i Yerusalemu, uti Ni mwumve amajambo y’iri sezerano, muyitondere.
kukw abumvise ivyagezwe atari bo bagororoka imbere y’Imana, abāvyumviye ni bo bazotsindanishirizwa.