Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 13:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Kuko yar’ azi ūzomugura uw’ ari we; ni co catumye avuga, ati Ntimukeye mwese.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Yesu yari azi uwugiye kumugurisha, ni co gituma yavuze ko batari batunganye bose.

Gade chapit la Kopi




Yohana 13:11
9 Referans Kwoze  

Yesu aramwishura, at’ Uwo nkorezamw’ intore, nkayimuha, azoba ari we. Akojejemw’ intore, arayikūramwo, ayihereza Yuda, mwene Simoni Isikaryota.


Yesu avuze ivyo, ahagarika umutima, abivuga avyataguye, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Umwe muri mwebge agira angure.


Simvuze mwese, kuko nzi abo natoranije, ariko n’ukugira ngw ivyanditswe bishike, ng’ Ūrya ivyo kurya vyanje ni we ambanguriye umugere.


Bakiriko bararya ku mugoroba, wa Murwanizi amaze kwinjiza ubuguranyi mu mutima wa Yuda Isikaryota, mwene Simoni,


ntiyarinda ko hogira ūshingira intahe ivy’ umuntu, kuk’ ubgiwe yar’ azi ibiri mu muntu.


Nkiri kumwe na bo, nabazigamiye mw izina ryawe wampaye. Narabashibamyeko, kandi nta n’umwe muri bo yapfuye rubi, atari wa mwana wo gupfa rubi, kugira ngw ivyanditswe bishike.


Nuko Yesu amenye ibigira bimubeko vyose, arabasanganira, arababaza, ati Murondera nde?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite