Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 12:47 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

47 Ariko ni hagira uwumva amajambo yanje, ntayazigame, si jewe ndamucirakw iteka; kuko ntāzanywe no gucirakw iteka isi, ariko nazanywe no gukiza isi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

47 Jewe sincira urubanza umuntu yumva amajambo yanje ntayashire mu ngiro. Kuko sinaje gucira isi urubanza, ahubwo naje gukiza isi.

Gade chapit la Kopi




Yohana 12:47
13 Referans Kwoze  

Kukw Imana itātumye Umwana wayo gucira abari mw isi urubanza, ariko ngw abari mw isi bakizwe na we.


Arik’ ūngaya, ntiyemere amajambo yanje, ari n’ikizomutsindisha: ijambo navuze ni ryo rizomutsindisha ku musi w’umuhero.


Natwe twarabibonye, tubishingira intahe, yuko Data wa twese yatumye Umwana wiwe kuba Umukiza w’isi yose.


Kand’ Umwana w’umuntu yazanywe no kurondera no gukiza icari cazimiye.


Ntimugire ngo nzobarega kuri Data: harih’ ūbarega, ni Mose uwo mwishimiye.


nk’uk’ Umwana w’umuntu atāzanywe no gukorerwa, atar’ ugukorera abandi, no gutanga ubugingo bgiwe kw incungu ya benshi.


Mwiyumvire yuko kwihangana kw’Umwami wacu ar’ agakiza: nk’uko mwene Data akundwa Paulo yabandikiye, uk’ ubgenge yahawe bungana.


Mfise ivyo kubabarira vyinshi, no kubacira urubanza. Kand’ uwantumye n’uw’ ukuri; ivyo namwumvanye ni vyo mvuga mw isi.


Mwirinde ntimukēngēre n’umwe mur’ aba bana bato: ndababgira yuko mw ijuru abamarayika babo bama barāba mu nyonga ha Data wo mw ijuru. [


Nuko baja mu yindi mihana.


Kand’ Umwana w’umuntu yaje gukiza icari cazimiye.]


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite