Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 12:43 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

43 kuko bākunda icubahiro c’abantu kukirutisha icubahiro c’Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

43 kuko bakunda gushimwa n’abantu kurusha gushimwa n’Imana.

Gade chapit la Kopi




Yohana 12:43
20 Referans Kwoze  

Mwoshobora kwizera mute, ari mwebge mwubahana, arikw icubahiro kiva ku Mana imwe nsa mutakirondera?


Singomba gushimwa n’abantu,


Arababgira, ati Mwebge mugomba kwiyerekana nk’abagororotse mu maso y’abantu, arikw Imana irazi imitima yanyu: kukw igishizwe hejuru mu bantu ar’ igisesema mu nyonga z’Imana.


Kandi ntitwarondera icubahiro co ku bantu, ari kuri mwebge canke ku bandi: naho tuba twarashoboye kubaremēra, kuko tur’ intumwa za Kristo.


Kuk’ uwishimagiza atari we yemerwa, ariko hemerwa uw’ Umwami wacu ashimagiza.


Ni wagira ubuntu, ntuz’ uvugishe inzamba imbere yawe, nk’ukw indyarya zikora mu masinagogi no mu nzira, ngo bashimwe n’abantu: ndababgire ukuri: Baramaze guhabga impēra zabo.


Ni co gituma mudakwiye guca urubanza rw’ikintu na kimwe igihe carwo kitarashika, ni co kuza kw’Umwami wacu, azomurika ivyari vyanyegejwe mu mwiza, kand’ azogaragaza inama zo mu mitima: ni ho umuntu wese azohabga n’Imana ishimwe rimukwiye.


Ni hagira ūnkorera, n’ankurikire, kand’ aho nzoba ndi, umukozi wanje ni ho azoba: ni hagira ūnkorera, Data azomuha icubahiro.


Yesu arabishura, ati Ni naba niha icubahiro, icubahiro canje kizoba ar’ ic’ ubusa: ūmpa icubahiro ni Data, uwo muvuga ngo n’Imana yanyu,


Aramubgira, ati Wagize neza, muntu wanje mwiza, ko wabaye umwizigirwa no kuri gito cane, n’ube umutware w’ibisagara cumi.


Ni co gitumye Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, avuga, ngo N’ukuri yari yaravuze yukw ab’ inzu yawe n’ab’ inzu ya sogokuruza bazokwama bamugendako bar’ imbere yiwe ibihe vyose; ariko noneh’ Uhoraho agize ngo Biragahera; ngo Kukw abamwubaha ari bo azokwubaha, arikw abamukēngēra bazokēngērwa.


ariko kube ukw’ umuntu ahishijwe wo mu mutima, ugushaza kudashira, ni kwo mutima w’ubugwaneza utekereje, ni kwo kw’ igiciro kinini imbere y’Imana.


Abarondera ubgiza n’icubahiro no kudapfa, bahora bakora ivyiza bihanganye, izobishura ubugingo budashira.


Abakomeye bo mw isi bose bazorya basenge; Kand’ abamanuka baja mu mukungugu bazokwunama imbere yiwe, N’ūdashobora kwizigamira ubugingo bgiwe ngo ntibupfe.


Na we aramwishura, ati Naracumuye; yamara none ndakwinginze, untere itēka imbere y’abakuru bo mu bantu banje n’imbere y’Abisirayeli, dusubiraneyo kugira ngo nsenge Uhoraho Imana yawe.


Gutinya abantu n’ukwitega umutego, Arik’ uwizigira Uhoraho azoba amahoro.


Ūvuga ivyo yigeneye aba yironderera icubahiro; arik’ ūrondera icubahiro c’uwamutumye, ni we w’ukuri, kandi nta kugabitanya kuba kuri muri we.


Arik’ Umuyuda wo mu mutima ni we Muyuda, kandi gukebga n’ukw’ umutima, n’ukwo mu buryo bg’impwemu, atar’ ukwo mu buryo bg’inyuguti: ūmeze artyo ntashimwa n’abantu, arikw ashimwa n’Imana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite