Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 12:34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Ishengero riramwishura, riti Twebge twumvise mu vyagezwe ko Kristo azohorah’ ibihe bidashira. Non’ uvuze ute ng’ Umwana w’umuntu akwiye kumanikwa? Mbeg’ uwo Mwana w’umuntu ni nde?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Ba bantu isinzi baramwishura bati: “Ivyagezwe bitubwira ko Kristo azokwamaho. None uvuze uti: ‘Umwana w’Umuntu azomanikwa hejuru’? Uwo ‘Mwana w’Umuntu’ ni nde?”

Gade chapit la Kopi




Yohana 12:34
26 Referans Kwoze  

Ukugwira kw’ubutware bgiwe n’amahoro ntibizogira iherezo, ku ngoma ya Dawidi no ku bgami bgiwe, bibukomeze, bibushigikize guca imanza zibereye n’ukugororoka, uhereye none ugashitsa ibihe vyose. Umwete w’Uhoraho Nyen’ ingabo uzoshitsa ivyo.


Aca ahabga inganji n’icubahiro n’ubgami, kugira ngw amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bamusabe: ingoma yiwe n’ingoma itazovaho, kand’ ubgami bgiwe n’ubgami butazohangura.


Uhoraho ararahiye, ntazokwicuza, At’ Ur’ umuherezi ibihe bidashira Mu buryo bga Melekisedeki.


Kand’ ubgami n’inganji n’ubukuru bg’ubgami bgose buri musi y’ijuru hose bizogabirwa ubgoko bg’abera b’ Īsumba vyose; ubgami bgayo n’ubgami buzokwamaho, kand’ abami bose bazoyikorera bayumvire.


Nuko ku ngoma z’abo bami, Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose.


Ut’ Uwo ni we azomwubakira ingoro, ibe iy’ izina ryiwe, uti Kand’ azokomeza intebe yiwe y’ubgami gushitsa ibihe vyose.


None rero nk’uko gucirwa urubanza kwazanywe n’igicumuro kimwe ku bantu bose, ngo batsindwe, ni ko ya ngabire yazanywe n’igikorwa kigororotse kimwe ku bantu bose, ngo batsindanishirizwe baronke ubugingo.


kand’ abacumbagira nzobasigazaho babe amasigarira, n’abari baraciwe mbahindure ihanga rikomeye; maze jewe Uhoraho nzobaganza ndi ku murwa Siyoni, uhereye aho ugashitsa ibihe bidashira.


Mu misi yiwe abagororotsi bazororanirwa, Kandi hazosēndēra amahoro, gushitsa ah’ ukwezi kuzoviraho.


Ariko turazi yukw ivy’ ivyagezwe bivuga vyose bibibgira abaganzwa na vyo, kugira ngw akanwa kose kazibge, kand’ abari mw isi bose babe abo gutsindwa n’urubanza imbere y’Imana:


Ariko vyabaye birtyo kugira ngw ijambo ryanditswe mu vyagezwe vyabo rishike, ngo Bānyankiye ubusa.


Nanje ni namanikwa hejuru y’isi, nzokwikwegerako bose.


Yesu arabishura, ati Mbega ntihanditswe mu vyagezwe vyanyu, ngo Navuze nti Mur’ imana?


Yakūweho no kugirirwa nabi no gutsindishwa; mu bo mu runganwe rwiwe ni nde yabishizek’ umutima ko yakūwe mw isi y’abakiriho? Ibicumuro vy’abantu banje ni vyo yakubitiwe.


Ashitse i Yerusalemu, igisagara cose kirashwabaduka, barabaza, bat’ Uyo ni nde?


Yesu aja mu misozi ihera i Kayisariya mu bga Filipo, abaza abigishwa biwe, at’ Abantu bagira ng’ Umwana w’umuntu ndi nde?


Yesu aramubgira, at’ Imbgebge ziri n’imyobo, n’ibiguruka mu kirēre biri n’ivyari; arik’ Umwana w’umuntu we ntagira ah’ arambika umusaya.


Nuko Yesu arababgira, at’ Aho muzomanikira Umwana w’umuntu, ni ho muzomenya ko ndi We, kandi kw ata co nkora nigeneye; uko Data yanyigishije, ni ko mbivuga.


arik’ uyo we, kuko yamah’ ibihe bidashira, afise ubuherezi budakūrwaho.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite