Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 12:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Maze Mariya yābīra ingero y’amavuta atāmirana y’igiciro kinini cane, y’agati kitwa narada, ayasīga ku birenge vya Yesu, abihanaguza umushatsi wiwe, kand’ inzu yose itāmiranamw’ ayo mavuta.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Maze Mariya afata icupa ryiza ririmwo amavuta amota cane kandi y’igiciro kinini ahinguwe mu giti bita narada, ayasuka ku birenge vya Yesu, aca abihanaguza umushatsi wiwe. Inzu yose yuzura ugutamirana kw’ayo mavuta.

Gade chapit la Kopi




Yohana 12:3
16 Referans Kwoze  

Uwo Mariya ni we yasīze Umwami Yesu amavuta atāmirana ku birenge, amuhanaguza umushatsi wiwe; uyo Lazaro yar’ arwaye ni we musaza we.


Mariya ashitse aho Yesu ari, amubonye, yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, ati Mugenzi, iy’ uba wari hano, musazanje ntaba yāhwereye.


Ntiwansutse amavuta ku mutwe: arik’ uyu ansīze amavuta atāmirana ku birenge.


Avuze ivyo, asubira inyuma, yonjorora Mariya, mwene nyina, at’ Umwigisha ari hano, araguhamagaje.


Amavuta yawe aratāmirana cane, Izina ryawe rimeze nk’amavuta asutswe; Ni co gituma inkumi zigukunda.


Umwami akivyagiye, ari ku meza yiwe, Amavuta yanje yatanguye gutāmirana.


Ingene yarahiye Uhoraho indahiro, Yasezeraniye Inyenkomezi ya Yakobo,


Ewe kuntu urukundo rwawe ari rwiza, mushikanje, mugeni wanje! Urukundo rwawe ukuntu rundutira vino! Gutāmirana kw’amavuta yawe ukuntu kundutira imibavu y’ubgoko bgose!


arikw ibikwiye rwose ni kimwe: kuko Mariya ahisemw’ umugabane mwiza, atazokwakwa.


Kandi haza na Nikodemo, umwe yaza kuri Yesu mw ijoro ubga mbere, azana ikivange c’isenga n’imbazi nk’ibilo mirongwitanu.


Kumutesha ni nko gutesha umuyaga, Kand’ ukuboko kwiwe kw’i buryo kuba gufashe umunyererwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite