Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 12:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Yesu arabishura, at’ Igihe kirageze c’uk’ Umwana w’umuntu ahabga ubgiza bgiwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Yesu arabishura ati: “Igihe kirashitse Umwana w’Umuntu ahabwe icubahiro ciwe.

Gade chapit la Kopi




Yohana 12:23
16 Referans Kwoze  

N’ababa ku kiyaga banyiteze, amāto y’i Tarushishi ni yo abītangiye imbere, azanye abahungu bawe abakūye kure, bazanye ifeza zabo n’ izahabu kubg’ izina ryanje, jewe Uhoraho Imana yawe, Uwera w’Abisirayeli, kuko nakwubahirije.


Agaruka ubugira gatatu, arababarira, ati Ni mwisinzirire noneho, muruhuke: biraheze. Igihe kirashitse; rāba Umwana w’umuntu ashizwe mu maboko y’abanyavyaha.


Arik’ Umwana w’umuntu ah’ azozira afise ubgiza bgiwe ari kumwe n’abamarayika biwe bose, ni ho azovyagira ku ntebe yiwe y’ubgiza:


Rāba, uzohamagara ihanga utazi, kandi n’iryari ritakuzi rizokwirukirako, kubg’ Uhoraho Imana yawe, no kubg’ Uwera w’Abisirayeli, kukw azoba aguhaye icubahiro.


Ivyo abigishwa ntibabitahuye ubga mbere, ariko Yesu amaze guhabga ubgiza bgiwe, ni ho bibutse kw ivyo yavyandikiwe, kandi kw ari vyo bāmugiriye.


Maz’ agaruka ku bigishwa, arababarira, ati Ni mwisinzirire noneho, muruhuke. Eh’ igihe kirashitse, Umwana w’umuntu ashizwe mu maboko y’abanyavyaha.


Yunguruza imbere gatoya, yubama hasi arasenga ngw ico gihe kimurengāne, asangwa bishoboka.


Arikw ivyo yabivuze kuri Mpwemu, uwo abamwizera bāgira bahabge; kuko Mpwemu ataribgatangwe, kuko Yesu ataribgashike mu bgiza bgiwe.


Umushaha wanje urahagaze: none mvuge iki? Ngire nti Data, n’unkize iki gihe? Yamara ni co canzanye ngo nshike mur’ iki gihe.


Umusi wa Pasika utarashika, Yesu amenye kw igihe ciwe gishitse co kuva mw isi ngw aje kwa Se, uko yakunda abiwe bari mw isi, ni ko yabakunze gushitsa ku muhero.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite