Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 12:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Arikw Abafarisayo bavugana muri bo, bati Murabona kw ata co mumaze: rāba isi yose yamukondoreye inyuma.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Nuko Abafarisayo baravugana bati: “Murabona ko ata co turiko turashikako. Isi yose iriko iramukurikira!”

Gade chapit la Kopi




Yohana 12:19
14 Referans Kwoze  

Bababuze, bakwegera Yasona na bene Data bamwe imbere y’abaganza igisagara, barasemerera, bat’ Abāteye isi yose umugūmūko bashitse n’ino,


Abo ku mpera zose z’isi bazokwibuka bahindukirire Uhoraho, Amoko yose yo mu mahanga azosengera imbere yawe.


kand’ uwo ni we mpongano y’ivyaha vyacu, mugabo s’iy’ ivyacu twenyene, ariko n’iy’ ivy’ abari mw isi bose.


kugira ngo bose babe umwe, nk’uko wewe, Data, uri muri jewe, nanje nkaba muri wewe, ngo na bo abe ari ko baba muri twebge, ngw isi yizere kw ari wewe wantumye.


Baza aho Yohana ari, baramubgira, bati Mwigisha, uwo mwari kumwe hakurya ya Yorodani, umwe washingira intahe, erega na we arikw arabatiza, kandi bose baza kuri we.


Mu misi izoza Yakobo azoshinga imizi, Isirayeli apfundike, ashurike: azokwama, yuzuze isi yose.


Abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe babonye ibitangaza akoze, n’abana basemererera mu rusengero, ngo Hoziyana mwana wa Dawidi; baritonganya,


Yemwe mahanga mwese, ni mwumve ibi; Yemwe abari mw isi mwese, ni mutege amatwi:


Kandi ni co catumye ishengero rimusanganira, kuko bumvise ko yakoze ico kimenyetso.


Hār’ Abagiriki bamwe, mu bādūze gusenga mu misi mikuru,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite