Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 12:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Ivyo abigishwa ntibabitahuye ubga mbere, ariko Yesu amaze guhabga ubgiza bgiwe, ni ho bibutse kw ivyo yavyandikiwe, kandi kw ari vyo bāmugiriye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Abigishwa ntibatahuye ubwo nyene ibiriko biraba. Ariko Yesu amaze kwinjira mu bwiza bwiwe, ni ho bibuka ko ivyo bamukoreye vyari vyaranditswe kuri we.

Gade chapit la Kopi




Yohana 12:16
19 Referans Kwoze  

Nukw amaze kuzurwa mu bāpfuye, abigishwa biwe bibuka yuko yari yaravuze ivyo, bemera icanditswe, na rya jambo Yesu yavuze.


arik’ Umwitsa, ari we Mpwemu Yera, uwo Data azorungika mw izina ryanje, ni we azobigisha vyose, kand’ azobibutsa ivyo nababariye vyose.


Arikw ivyo yabivuze kuri Mpwemu, uwo abamwizera bāgira bahabge; kuko Mpwemu ataribgatangwe, kuko Yesu ataribgashike mu bgiza bgiwe.


Nukw abo mu muryango wa Isirayeli bose, ni bamenye badakekeranya yukw Imana yamugize Umwami na Kristo, Yesu umwe mwābamba.


Yesu arabishura, at’ Igihe kirageze c’uk’ Umwana w’umuntu ahabga ubgiza bgiwe.


dutumbereye Yesu wenyene, ni we nyanduruko yo kwizera kandi ni we yagusozereye; uwo, kubg’ umunezero yashizwe imbere, yihanganiye umusaraba, ntiyagira ikindi isoni zawo, avyagira i buryo bg’intebe y’Imana.


Mu yo tuvuga, yose arutwa na rimwe, n’iri: dufise umuherezi mukuru ameze artyo, avyagiye i buryo bg’intebe y’Īhambaye cane yo mw ijuru,


Imana ya Aburahamu na Isaka na Yakobo, ari yo Mana ya ba sogokuruza, yashimagije Umushumba wayo Yesu, umwe mwebge mwatanze mukamwihakanira mu maso ya Pilato, amaze kwahukanya urubanza rwo kumurekura.


Nukw amaze gushirwa hejuru n’ukuboko kw’i buryo kw’Imana, kand’ ashikirijwe na Se isezerano, ari ryo Mpwemu Yera, non’ asutse ico muriko murabona kandi mwumva.


Ico mbabaririye ivyo, n’ukugira ngw igihe cavyo ni cashika, muze muvyibuke ko nanje nabibabgiye. Uhereye ubga mbere sinaribgabibabgire, kuko nari nkiri kumwe namwe.


Maz’ abungura ubgenge ngo batahure ivyanditswe.


Arababgira, ati Yemwe mwa mburabgenge, imitima yanyu itevye cane kwizera ivyo abāvugishwa n’Imana bāvuze vyose!


Ntibāgira ico batahura mur’ ivyo, kand’ iryo jambo bāri barihishijwe, ntibāmenya ivyo babgiwe.


Bayoberwa iryo jambo, kandi bararihishwa ngo ntibarimenye, batinya kurimubaza iry’ ari ryo.


Na none Data, unshimagizanye nawe, unshimagirishije bga bgiza nahoranye ndi kumwe nawe, isi itararemwa.


Kand’ Umwami Yesu ahejeje kubibabarira, adūzwa mw ijuru, avyagira i buryo bg’Imana.


Ariko bayoberwa iryo jambo, batinya kurimubaza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite