Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 12:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 ngo Nta co utinya, mukobga w’i Siyoni, rāba, Umwami wawe araje, ari ku nyana y’indogoba.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 “Ntutinye, Mukobwa w’i Siyoni; raba, umwami wawe araje, yicaye ku nyana y’indogoba.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 12:15
17 Referans Kwoze  

Nezerwa cane, wa mukobga w’i Siyoni we! Sēsereza impundu, wa mukobga w’i Yerusalemu we! Rāba, umwami wawe aje kuri wewe, n’umugororotsi, kand’ ari n’inganji; yicishije bugufi, agendera ku ndogoba, mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba.


Rāba, Uhoraho yabariye abo ku mpera y’isi, ati Ni mubgire umukobga w’i Siyoni, muti Rāba, agakiza kawe karaje; rāba, araje azanye impēra, kand’ inyishu yiwe ir’imbere yiwe.


Umwami abaza Ziba, at’ Ibi n’ivy’ iki? Ziba aramwishura, at’ Indogoba n’izo kugira ngw abo mu rugo rwawe bazigendereko, mugenzi; imitsima n’ amatunda na vyo n’induhuro y’ imikangara, vino na yo n’iyo guhēmbūra abazogwira isari mu bugaragwa.


Nawe, mutara wo kurābirak’ umukuku, umusozi w’umukobga w’i Siyoni, ya nganji izoza kuri wewe: imwe ya mbere izokugarukako, bga bgami bg’umukobga w’i Yerusalemu.


Ntutinye, musiba we Yakobo, namwe nkehwa z’ Abisirayeli; nzogutabara, ni k’ Uhoraho agize; kand’ Uwera w’ Abisirayeli ni we mucunguzi wawe.


Umwami arababarira, ati Ni mujane ingabo zanje, kandi mushire umwana wanje Salomo ku nyumbu yanje bgite, ayigendereko, mumumanukane i Gihoni;


Kandi yar’ afise abahungu mirongwine n’abuzukuru mirongwitatu, bāgendera ku ndogoba mirongwirindwi; amara imyaka munani acira imanza Abisirayeli.


Yemwe abagendera ku ndogoba z’ibihororo, Yemwe abīshānyāngira ku mikeka myiza, Yemwe abari ku nzira, ni muririmbe.


Ikibujijwe, ntaze yironderere amafarasi menshi, canke ngw agire abantu atuma muri Egiputa kugira ngo yironkere umukimba w’amafarasi; kuk’ Uhoraho yababariye, ati Ntimuze musubire kujana iyo nzira ukundi.


Hanyuma y’ivyo, Abusalomu yironderera umukogote n’amafarasi, n’abantu mirongwitanu bo kumwiruka imbere.


ngo Mubgire umukobga w’i Siyoni, Muti Rāba, Umwami wawe aje kuri wewe, Ar’ umutekerezi, agendera ku ndogoba, Mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba.


Kandi Yesu abonye inyana y’indogoba, ayicarako, nk’uko handitswe,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite