Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 12:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 bābīra amashami y’ibigazi, baja kumusanganira, barasemerera, bati Hoziyana: hashemezwe ūje mw izina ry’Uhoraho, ni we Mwami w’Abisirayeli.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Maze baca amashami y’ibigazi, baja kumusanganira basemerera bati: “Hozana!” “Hahezagirwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho!” “Hahezagirwe Umwami wa Isirayeli.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 12:13
19 Referans Kwoze  

Baririmba indirimbo ya Mose umusavyi w’Imana, n’indirimbo ya wa Mwagazi, bat’ Ibikorwa vyawe birahambaye kandi biratangaza, Mwami Mana ushobora vyose; inzira zawe n’iz’ ukugororoka n’ukuri, Mukama w’amahanga.


Hanyuma y’ivyo mbona ishengero ryinshi, ata woshobora kuriharūra, bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose, bahagaze imbere y’iyo ntebe n’imbere y’Umwagazi w’Intama, bambaye imvune zera, bari n’amashami y’ibigazi mu minwe:


Natanayeli na we aramwishura, ati Mwigisha, ur’ Umwana w’Imana, ni wewe Mwami w’Abisirayeli.


Kuko mbabgira yuko mutazosubira kumbona kuva ubu, kugeza aho muzovugira, muti Hashemezwe ūje mw izina ry’Uhoraho.


maz’ amaherezo Abisirayeli bazogaruka, barondere Uhoraho Imana yabo, na Dawidi umwami wabo; bazoba mu gatengo baje k’Uhoraho no ku migisha yiwe mu misi y’iherezo.


Na bo barasemerera, bati Mukūreho, mukūreho, umubambe. Pilato arababaza, ati Mbambe umwami wanyu? Abaherezi bakuru bati Nta mwami dufise, atari Kayisari.


Uhoraho yagukūyekw imanza yari yāguciriye, yirukaniye kure umwansi wawe. Umwami w’Abisirayeli, ari we Uhoraho, ari hagati muri wewe; ntuzoba ukibona ivyago ukundi.


Kandi ku mpuzu ziwe no ku kibero, afise izina ryanditsweko, ng’ UMWAMI W’ABAMI, ŪGANZA ABAGANZA.


Uku ni k’Uhoraho agize, Umwami wa Isirayeli, ari we Mucunguzi wiwe, Uhoraho Nyen’ ingabo: ati Nd’ uwa mbere kandi nd’ uw’ iherezo, kandi nta yindi Mana atari jewe.


Kandi kur’ uwo musi w’intangamarāra muze mwābīre ku vyiza‐vyiza vyamye ku biti, n’amashami y’ibigazi, n’amashami y’ibiti bitwaye intunda, n’ibiti vyameze i ruhande y’inzūzi; mumare imisi ndwi munezererewe imbere yanje, Uhoraho Imana yanyu.


ngo Nta co utinya, mukobga w’i Siyoni, rāba, Umwami wawe araje, ari ku nyana y’indogoba.


bati Yakijije abandi, we ntashobora kwikiza. N’Umwami w’Abisirayeli, ni yīmanure ku musaraba ubu nyene, duheze tumwizere.


Kandi Yesu abonye inyana y’indogoba, ayicarako, nk’uko handitswe,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite