11 kuko kubgiwe Abayuda benshi bābavako bakizera Yesu.
11 kuko kubera we, Abayuda benshi bariko barabavako bizera Yesu.
Nuko benshi mur’ abo Bayuda bari baje kwa Mariya, babonye ico Yesu akoze, baramwizera,
Kandi ni co catumye ishengero rimusanganira, kuko bumvise ko yakoze ico kimenyetso.
Arikw Abayuda babonye ishengero ryinshi, buzura ishari, bahakanya ivyo Paulo avuze, barabicokora.
Ni twamurekeraho durtyo, bose bazohava bamwizera, kand’ Abaroma bazoza batikize igisagara cacu n’ubgoko bgacu.
Benshi mw ishengero baramwizera baravuga, bati Kristo ni yaza, mugira ngw azokora ibimenyetso vyinshi birengeye ivyo uyu akora?
Jewe nari nsanzwe nzi k’unyumviriza ubudasība, ariko mbivugishijwe n’ishengero rihagaze ngaha, kugira ngo bizere kw ari wewe wantumye.
Arikw abaherezi bakuru baja inama yo kwica Lazaro na we,
Yamara no mu bakuru, benshi baramwizeye; ariko kubg’ Abafarisayo ntibāvyatura, kugira ngo boye gucibga mw isinagogi,