10 Arikw abaherezi bakuru baja inama yo kwica Lazaro na we,
10 Ivyo vyatumye abakuru b’abaherezi bagira imigambi yo kwica Lazaro na we,
Aramubgira, ati Ni batumvira Mose n’abāvugishwa n’Imana, ntibokwemera nah’ umuntu yozuka mu bāpfuye.
Maze Herode abonye ko yahenzwe n’abo banyabgenge, arajingitwa cane. Atuma kugeseza abana b’abahungu bose b’i Betelehemu no mu misozi yose ihakikije, abamaze imyaka ibiri n’abatarayimara, yagerereje igihe yasigurije abanyabgenge.
Kand’ abaherezi bakuru n’Abafarisayo bāri bashinze ng’ uwomenya ah’ ari aharange, ngo bamufate.
Ubu n’ubuyobe mu bikorerwa musi y’izuba vyose, yukw iherezo rya bose ari rimwe: mbere, mu mitima y’abana b’abantu huzuyemw’ ibibi, kandi bakiriho, ubusazi buba mu mitima yabo, hanyuma bakitāhira mu bapfuye,
Mose na Aroni baja kwa Farawo, baramubgira, bat’ Uku ni k’ Uhoraho, Imana y’Abaheburayo, agize, ng’ Uzogeza ryari kwanka kwicisha bugufi imbere yiwe? Ngo Reka abantu biwe, bagende bamusabe.
Abafarisayo barasohoka, bamugīra inama ngo babone ingene bomwica.
Ishengero ryinshi ry’Abayuda rimenye kw ari ho ari, baraza, mugabo ntihāri kubga Yesu gusa, ariko kwār’ ukugira ngo barābe na Lazaro yazuye mu bapfuye.
kuko kubgiwe Abayuda benshi bābavako bakizera Yesu.