Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 12:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Nuko hasigaye imisi itandatu Pasika igashika, Yesu aja i Betaniya, ni ho Lazaro yaba, umwe Yesu yazuye mu bapfuye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Hagisigaye imisi itandatu ngo Pasika ishike, Yesu aja i Betaniya, aho Lazaro umwe yari yazuye yaba.

Gade chapit la Kopi




Yohana 12:1
13 Referans Kwoze  

Abavanaho, abashitsa aharābana n’i Betaniya, aterura amaboko, arabahezagira.


Hār’ Abagiriki bamwe, mu bādūze gusenga mu misi mikuru,


Maze Pasika y’Abayuda yarikw irashika, benshi bava mu misozi, badūga i Yerusalemu, Pasika itarashika, ngo bihumanure.


Hārih’ uwar’ arwaye, ni Lazaro w’i Betaniya, ni wa musozi Mariya na mwene nyina Marita bābako.


Abasigaho, asokoroka mu gisagara, aja i Betaniya, arārayo.


Uwari yāpfuye arasohoka, azingiriwekw impuzu ku maguru no ku maboko, n’igitambara gipfutse mu maso hiwe. Yesu arababgira, ati Ni mumuhamburure, mumureke, agende.


Ashika i Yerusalemu, yinjira mu rusengero, maz’ ahejeje kweraguza vyose, kuko bgari bugorovye, arasohoka, aja i Betaniya, ajanye na bamwe cumi na babiri.


Umugore wo mur’ ico gisagara, yar’ umunyavyaha, amenye yukw arīra mu nzu y’uwo Mufarisayo, azana ikebano ry’amavuta atāmirana,


Amaze kuvuga ivyo, asemerera n’ijwi rirenga, ati Lazaro, ngwino, sohoka.


Ishengero ryinshi ry’Abayuda rimenye kw ari ho ari, baraza, mugabo ntihāri kubga Yesu gusa, ariko kwār’ ukugira ngo barābe na Lazaro yazuye mu bapfuye.


Bukeye bg’aho, ishengero ryinshi ryari ryaje i Yerusalemu mur’ iyo misi mikuru, bumvise ko Yesu azayo,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite