Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 11:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Abigishwa baramubgira, bati Mwigisha, Abayuda baheruka gushaka kugutera amabuye, non’ usubireyo?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Abigishwa biwe baramubaza bati: “Mwigisha, haheze imisi mike cane Abayuda bashatse kugutera amabuye, none ushaka gusubirayo?”

Gade chapit la Kopi




Yohana 11:8
11 Referans Kwoze  

Bun’ Abayuda bongera gutora amabuye, ngo bayamutere.


Baca batora amabuye yo kumutera, maze Yesu arihisha, ava mu rusengero.


Nuko bongera kurondera ingene bomufata, abava mu maboko.


Ariko simbabaye ubugingo bganje nk’ah’ ar’ubg’ igiciro, kugira ngo ndangize urugendo rwanje, n’igikorwa nahawe n’Umwami Yesu, co gushingira intahe ubutumwa bgiza bg’ubuntu bg’Imana.


no kugirwako bgakeye mu tuguriro, no kwitwa n’abantu: Rabi.


None, ntimukitwe Rabi, kuk’ umwigisha wanyu ar’ umwe, namwe mwese mur’ abavukana.


Batarashika, abigishwa baramwinginga, bati Mwigisha, enda fungura.


Nukw Abayuda benshi bāri baje kwa Marita na Mariya kubirura kubga musaza wabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite