53 Nuko bahēra uwo musi baja inama yo kumwica.
53 Kuva uwo musi baca batangura gutegura ingene bokwica Yesu.
Hashize imisi myinshi, Abayuda baja inama yo kumwica:
Ariko bo bavyumvise baribga mu mitima, bashaka kubica.
Arikw abaherezi bakuru baja inama yo kwica Lazaro na we,
Nukw abaherezi bakuru n’Abafarisayo bakoranya abanyekombe, barababaza, bati Mbega, tugire dute? K’uyu muntu akora ibimenyetso vyinshi.
Hāri hasigaye imisi ibiri, imisi mikuru ya Pasika ikagera, ni yo yo kurya imitsima itambiwe. Abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe barondera uburyo bgo gusuka Yesu ngo bamufate bamwice:
Abafarisayo barasohoka, baca bamugīra inama n’abantu ba Herode ngo babone ingene bomwica.
Abaherezi bakuru n’abashingantahe b’amakombe bose baronderera Yesu ibirego vy’ibinyoma, ngo babone ingene bomwica.
Ntihāgira ūshobora kumwishura ijambo na rimwe, kand’ uhereye kur’ uwo musi nta muntu yubahutse gusubira kumubaza ikindi.
Kuva ubgo Yesu atangura guserurira abigishwa biwe kw akwiye kuzoja i Yerusalemu no kuzobabazwa uburyo bginshi n’abashingantahe n’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, no kuzokwicwa, no kuzozurwa ku musi ugira gatatu.
Maze Yeremiya abarira Zedekiya, ati Ni nakikubarira, wobura kunyica? Kandi ni nakugīra inama, na ho nyene ntiwonyumva.
Maz’ abaganwa babgira umwami, bat’ Uyu muntu akwiye gupfa: kukw adendebura amaboko y’abahizi bagisigaye mur’ iki gisagara n’ay’ abantu bose, ababarira amajambo asa artyo: kuk’ uyu mugabo atifuriza amahoro ubu bgoko, atar’ ivyago.
Izina ry’Uhoraho rishemagizwe, Uhereye none ugashitsa ibihe bidashira.
Kukw abansi banje bamvuga, Ababundira ubugingo bganje baja inama:
Kuko numvise benshi bandementaniriza, Ubgoba kukantera irya n’ino; Hamwe bangīra inama Barondera ingene bonyica.
Abami bo mw isi baragomoye, N’abakuru bahūrije ingingo hamwe Kurwanya Uhoraho n’Uwo yarobanuje amavuta;
Maze ndabahambarira, ndababaza, nt’ Igituma murāra inyuma y’uruzitiro n’iki? Ni mwasubīra nzobafata. Kuva ico gihe ntibāsubiriye kugaruka kw isabato.
Uhereye ico gihe mu bantu banje, igihimba cakoze ico gikorwa, ikindi gihimba bahagarara bitwaje amacumu n’inkinzo n’ imiheto, bambaye n’amakoti y’ ivyuma; kand’ abaganza bāri bahagaze inyuma y’Abayuda bose.
Bamubona akiri kure, maz’ atarabashikīra, bamugīra inama yo kumwica.
Abafarisayo barasohoka, bamugīra inama ngo babone ingene bomwica.
baja inama yo gusuka Yesu ngo bamufate, bamwice.
Hanyuma y’ivyo Yesu agendagenda i Galilaya: ntiyashaka kugendagenda i Yudaya, kukw Abayuda bārondera ingene bomwica.