Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 11:51 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

51 Ivyo ntiyabivuze avyigeneye, ariko, kuko yar’ umuherezi mukuru mur’ uwo mwaka, yavugishijwe ko Yesu agira apfire ubgo bgoko;

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

51 Ivyo ntiyabivuze avyigeneye; ariko nk’umuherezi mukuru muri uwo mwaka, yaravugishijwe ko Yesu yari agiye gupfira igihugu cose.

Gade chapit la Kopi




Yohana 11:51
23 Referans Kwoze  

Maz’ ayo mayinga ukw ari mirongwitandatu n’abiri ni yashira, Mesiya azokūrwaho, kandi nta wuzomusubirira mu gishingo. Maze segaba wundi azoza, abantu biwe bazosangangura igisagara n’ahantu hēra; arikw iherezo ryiwe azotembanwa n’umuvo; kand’ intambara zizorinda zishitsa no kw iherezo; ubugesera bgashinzwe ko buzotera.


Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha kubgacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugororoka kw’Imana.


Dawidi amenye ko Sauli yamugīriye inama mbi, abarira Abiyatari umuherezi, ati Zana hano efodi.


Kand’ uz’ ushire Urimu na Tumimu imbere mur’ uwo mupfuko wo ku gikiriza wo kwahukanya imanza, bibe ku mutima wa Aroni, uko yinjiye imbere yanje; Aroni aze yame yambara ivyo kwahukanya imanza z’Abisirayeli ubudasība, iy’ aje imbere yanje, jewe Uhoraho.


Kristo yaducunguye umuvumo w’ivyagezwe, yacitse ikivume kubgacu; kuko handitswe ngw Azoba avumwe umuntu wese amanitswe ku giti:


Kandi naho nogira ingabire yo kuvugishwa n’Imana, nkamenya amabanga yose, n’ubgenge bgose, kandi naho nogira ukwizera kwose, ngashobora gukūrah’ imisozi, ariko ntagira urukundo, noba nd’ ubusa.


nk’uko Data anzi, nanje nkamumenya; kandi ndigura intama zanje.


nk’uk’ Umwana w’umuntu atāzanywe no gukorerwa, atar’ ugukorera abandi, no gutanga ubugingo bgiwe kw incungu ya benshi.


Arikw asiguje Uhoraho, ntiyagira ico amwishura, ari mu nzozi, ari mu buryo bga Urimu, haba no mu bavugishwa na we.


Balamu yunamura amaso, abona Abisirayeli bashagaje nk’ukw imiryango yabo iri; Mpwemu w’ Imana amuzako.


Maz’ Uhoraho abumbura akanwa k’iyo ndogoba, ibaza Balamu, it’ Umpoye iki, kunkubita ibihetangabo gatatu kose?


Kuko na Kristo yababajwe rimwe ahōrwa ivyaha, umugororotsi yababarijwe abagabitanya, kugira ngw adushikirize Imana; yishwe umubiri, ariko yahinduwe muzima mu buryo bg’impwemu:


Ubgiwe yikoreye ivyaha vyacu mu mubiri wiwe, abambge ku giti, kugira ngo dupfuye ku vyaha tubeho ku kugororoka; inguma ziwe ni zo zabakijije.


Arik’ umwe muri bo, ni Kayafa, yar’ umuherezi mukuru mur’ uwo mwaka, arababgira, ati Mwebge nta co muzi na mba,


babanza kumujana kwa Anasi, kuko yari sebukwe wa Kayafa umuherezi mukuru wo mur’ uwo mwaka.


kand’ uwo ni we mpongano y’ivyaha vyacu, mugabo s’iy’ ivyacu twenyene, ariko n’iy’ ivy’ abari mw isi bose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite