Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 11:49 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

49 Arik’ umwe muri bo, ni Kayafa, yar’ umuherezi mukuru mur’ uwo mwaka, arababgira, ati Mwebge nta co muzi na mba,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

49 Nuko umwe muri bo yitwa Kayafa, ari na we yari umuherezi mukuru uwo mwaka, aravuga ati: “Ntimuzi ico muriko muravuga!

Gade chapit la Kopi




Yohana 11:49
11 Referans Kwoze  

Ivyo ntiyabivuze avyigeneye, ariko, kuko yar’ umuherezi mukuru mur’ uwo mwaka, yavugishijwe ko Yesu agira apfire ubgo bgoko;


Maz’ abaherezi bakuru n’abakuru b’ubgo bgoko bakoranira mu rugo rw’umuherezi mukuru yitwa Kayafa,


na Anasi umuherezi mukuru, na Kayafa na Yohana na Alekisandero, n’ab’ umuryango bose w’abaherezi bakuru.


na Anasi na Kayafa ar’ abaherezi bakuru, mur’ uwo mwaka ijambo ry’Imana rishika kuri Yohana mwene Zakariya, ari mu bugaragwa.


Ni wabona umuntu yirata kw afise ubgenge Umenye kw igipfu copfanirwa ikizigizigi kuruta uyo.


Yamara, tuvugana ubgenge hagati mu bātunganijwe rwose, arik’ ubgo bgenge s’ubg’ iki gihe, cank’ ubg’ abaganza b’iki gihe bagenda bayōka.


Umunyabgenge ari hehe? Umwanditsi ari hehe? Umunyabihāri wo mur’ iki gihe ari hehe? Mbeg’ Imana ntiyahinduye ubupfu ubgenge bg’iyi si?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite