Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 11:44 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

44 Uwari yāpfuye arasohoka, azingiriwekw impuzu ku maguru no ku maboko, n’igitambara gipfutse mu maso hiwe. Yesu arababgira, ati Ni mumuhamburure, mumureke, agende.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

44 Wa muntu yari yarapfuye arasohoka, amaboko n’ibirenge vyiwe bikizingiriyeko impuzu bamuhamvyemwo, mu maso hiwe hazingiriyeko igitambara. Yesu arababwira ati: “Nimumubohore, mumureke agendagende.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 11:44
20 Referans Kwoze  

N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Igihe kiza, kandi kirashitse, ah’ abapfuye bazokwumvira ijwi ry’Umwana w’Imana, kand’ abazoryumva bazoba bazima.


n’igitambara cari mu mutwe wiwe, kitarambitse hamwe na za mpuzu, ariko kizinze kir’ ahaco ukwa conyene.


azohindura imibiri y’ubufafara bgacu, ishushanywe n’umubiri w’ubgiza bgiwe, nk’ukw afise ubushobozi bumubashisha kwigandurira vyose.


Jewe na Data tur’ umwe.


Nk’uko Se azura abapfuye akabaha ubugingo, ni ko n’Umwana aha ubugingo abo agomba.


Uwari yapfuye aravyuka, aricara, atangura kuvuga; Yesu amuha nyina.


Uhoraho ni we atuma umuntu apfa, kandi ni we atuma abaho, Ni we amumanura i kuzimu, kandi ni we amukūrayo.


Imana iravuga, iti Ni habeh’ umuco: umuco ubaho.


kandi ndi muzima; nari narapfuye, kandi rāba mpora ndi muzima ibihe bitazoshira, mfise impfunguzo z’urupfu n’iz’ i kuzimu.


Nuko bābīra ikiziga ca Yesu, bakizingira mu mpuzu zera derere, hamwe n’ivyo bimota neza, nk’uk’ umugenzo w’Abayuda wo guhamba war’ uri.


Arabihanikiriza cane, ngo ntihagire umuntu n’umwe abimenya, arababarira ngo bamugaburire.


Nzobacungura mbakūre mu bubasha bg’i kuzimu; nzobagōmbōra mbakūre mu rupfu: wa rupfu we, ikīza watera kiri hehe? Wa kuzimu we, kwa guhonnya kwawe kuri hehe? Arik’ ukwihana kwabo guhishijwe inyonga zanje.


Kuko yavuze, bikaba, Yageze, bikaguma.


Yunamye, arungurutseyo, abona za mpuzu zera derere zirambitseho, ariko ntiyinjira.


Yesu aravuga, ati Ni mukūreh’ iryo buye. Marita mushiki w’uwapfuye, aramubgira, ati Mugenzi, ereg’ ubu aramaze kunuka, kw amaze imisi ine.


Uwundi arengutse, aravuga, ati Mugenzi, ngiyi mina yawe, nabītse itekeye mu kiremo:


Amaze kuvuga ivyo, asemerera n’ijwi rirenga, ati Lazaro, ngwino, sohoka.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite