Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 11:43 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

43 Amaze kuvuga ivyo, asemerera n’ijwi rirenga, ati Lazaro, ngwino, sohoka.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

43 Ahejeje kuvuga ayo majambo aca arasemerera ati: “Lazaro, sohoka!”

Gade chapit la Kopi




Yohana 11:43
12 Referans Kwoze  

Petero arabataramura bose, arapfukama, arasenga; maz’ ahindukirira umuvyimba, ati Tabita, vyuka. Arakanura; maz’ abonye Petero, aravyuka, aricara.


Petero aramubgira, ati Ayineya, Yesu Kristo aragukijije: vyuka, wizingire ikirago. Aca avyuka ako kanya.


Petero abibonye, abaza abo bantu, ati Yemwe bagabo b’Abisirayeli, n’iki gitumye mutangazwa n’ibi, muduhangiye amaso iki, nk’ah’ ubushobozi bgacu cank’ ukwubaha Imana kwacu ari vyo vyaduhaye kumugendesha?


Petero aramubarira, at’ Ifeza n’izahabu nta vyo mfise, arikw ico mfise ndakiguha: mw izina rya Yesu Kristo Umunyanazareti, va hasi utambuke.


Baratinya, bagira ubgoba bginshi, barabazanya, bati Mbeg’ uyu n’umuntu ki, umuyaga n’ikiyaga ko bimwumvira?


Jewe nari nsanzwe nzi k’unyumviriza ubudasība, ariko mbivugishijwe n’ishengero rihagaze ngaha, kugira ngo bizere kw ari wewe wantumye.


Uwari yāpfuye arasohoka, azingiriwekw impuzu ku maguru no ku maboko, n’igitambara gipfutse mu maso hiwe. Yesu arababgira, ati Ni mumuhamburure, mumureke, agende.


Nuko hasigaye imisi itandatu Pasika igashika, Yesu aja i Betaniya, ni ho Lazaro yaba, umwe Yesu yazuye mu bapfuye.


Ishengero ryinshi ry’Abayuda rimenye kw ari ho ari, baraza, mugabo ntihāri kubga Yesu gusa, ariko kwār’ ukugira ngo barābe na Lazaro yazuye mu bapfuye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite